Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 7:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Nimba wari umugurano igihe Imana yaguhamara, ntibiguhagarike umutima. Ariko niwaronka ibakwe ryo kwidegemvya, uridegemvya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Wahamagawe ur’ umugurano? Ntibikubabaze. Ariko, namba bishoboka k’ucika uwidegemvya, ubihitemwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 7:21
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi ntimugashire umutima ku vyo muzorya canke muzonywa; ntimukiganyire kuri ivyo.


Mwiyubare, imitima yanyu ntiremerwe n’akaborerwe hamwe n’ibihimbaro bijanye na ko, canke imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, kugira ngo uwo musi ntuze ubashikeko giturumbuka,


Twese twabatijwe na Mpwemu umwe mu mubiri umwe: Abayuda, Abagiriki, abagurano, n’abidegemvya, kandi twese twahawe Mpwemu umwe.


Umuntu wese akwiye kuguma uko yari ameze igihe Imana yamuhamagara.


Kuko uwahamagawe n’Umwami ari umugurano aba abaye uwidegemvya mu Mwami, kandi uwahamagawe n’Umwami yidegemvya aba abaye umugurano wa Kristo.


Nta Muyuda canke Umugiriki, nta mugurano canke uwidegemvya, nta mugore canke umugabo, mwese muri umwe muri Kristo Yesu.


Ibi sindabivugishijwe n’ubukene, kuko muri vyose namenyereye kubumbwa n’ivyo mfise.


Ntimukiganyire ku kintu na kimwe, ariko ivyo mukeneye vyose mubimenyeshe Imana mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka.


Aha ntihaba hakiri Umugiriki canke Umuyuda, uwakebwe canke uwutakebwe, uwateye imbere canke uwutaratera imbere, umugurano canke uwidegemvya, ariko ni Kristo ari vyose kandi ari muri bose.


Ntimugakunde amahera mu mibereho yanyu, ahubwo mubumbwe n’ivyo mufise. Kuko Imana yavuze iti: “Sinzokwigera ndaguta; sinzokwigera ndaguheba.”


Muyikorere ingorane zanyu zose kuko irabitayeho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ