20 Umuntu wese akwiye kuguma uko yari ameze igihe Imana yamuhamagara.
20 Umuntu wese, uko yar’ ari mw ihamagarwa ryiwe, abigumemwo.
Ariko rero umuntu wese akwiye kubandanya abaho ubuzima Umwami yamuhitiyemwo, no kuguma uko yari ari imbere y’uko Imana imuhamagara. Iri ni ryo tegeko ntanga mu mashengero yose.
Nimba wararongoye, nturondere kwahukana. Nimba utarongoye, nturondere kurongora.
Mugire ishaka ryo kubaho ubuzima butekanye; umwe wese yiteho gukora ibimwerekeye kandi ajejwe, no gukoresha amaboko yiwe nk’uko twabibabwiye.
Abo bantu turabategetse tubinginga mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo ngo bame bakora kugira ngo babone kwibeshaho.