Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 7:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Ariko rero umuntu wese akwiye kubandanya abaho ubuzima Umwami yamuhitiyemwo, no kuguma uko yari ari imbere y’uko Imana imuhamagara. Iri ni ryo tegeko ntanga mu mashengero yose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ariko gusa, uk’ Umwami wacu yagabiye umuntu wese, kand’ ukw Imana yamuhamagaye, abe ari kw amera. Ni ko ngera mu mashengero yose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 7:17
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko hariho bamwe bavutse ari inkone, hari n’ababaye inkone babigizwe n’abandi, hakaba rero n’abahisemwo kutarongora kubera Ubwami bw’ijuru. Uwushobora kuvyemera avyemere.”


Ntihakagire uwo mutsitaza, yaba Umuyuda canke Umugiriki, canke abo mw’ishengero ry’Imana.


Ariko nimba hariho uwufise ibihari kuri ibi, nobabwira ko ata wundi mugenzo atari uwo, kandi n’ayandi mashengero y’Imana ni wo akurikiza.


Uwuzokwumva ashonje cane azofungure iwe kugira ngo yoye kwikwegera gutsindwa n’urubanza. Ku bindi bibazo mwanyandikiye, nzobaha inyishu ninashika iwanyu.


kuko Imana yacu atari Imana y’akajagari, ariko ari Imana y’amahoro, nk’uko bigenda mu mashengero yose y’abera.


Ku bijanye no kwegeranya uburyo bwo gufasha abizera b’i Yerusalemu, mubikore nk’uko nabihanuye amashengero y’i Galatiya.


Ni co gituma nabarungikiye Timoteyo, umwana wanje nkunda kandi w’umwizigirwa mu Mwami. Azobibutsa ingene mbayeho muri Kristo Yesu, nk’uko ndavyigisha hose mu mashengero yose.


Nk’akarorero, nimba umugabo yari yarakebwe imbere y’uko ahamagarwa, ntarondere kuba uwudakebwe. Niyaba na ho atari yarakebwe igihe yahamagarwa, ntarondere gukebwa.


Bene Data, umuntu wese agume nk’uko yari ameze igihe Imana yamuhamagara.


Ico nipfuza ni uko abantu bose boba nkanje. Ariko umuntu wese afise ingabire yisangije yahawe n’Imana; umwe agira ingabire kanaka, uwundi akagira iyindi.


Ikirengeye ivyo, namana umwitwarariko ku bw’amashengero yose.


Tumurungikanye n’uwundi mwene Data ashimwa n’amashengero yose ku bw’ibikorwa vyiwe vy’Ubutumwa Bwiza.


Amashengero ya Kristo y’i Yudaya ntiyari anzi.


Bene Data, namwe mwabaye nk’amashengero y’Imana muri Kristo Yesu ari i Yudaya: mwahamwe n’ab’iwanyu nk’uko ayo mashengero na yo yahamwe n’Abayuda,


Ni co gituma mu yandi mashengero y’Imana yose twama turiko twirata mwebwe, tubabwira ivy’ukwihangana kwanyu n’ukwizera kwanyu muri mw’ihamwa hamwe n’ibindi bigeragezo muriko muracamwo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ