Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 7:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Ku bubatse, ntanze iri tegeko, ritavuye kuri jewe ariko rivuye ku Mwami Imana: umugore ntakahukane n’umugabo wiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Abamaze kurongorana, ndabagera, ariko si jewe, n’Umwami wacu, umugore yoye kuvana n’umugabo wiwe;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 7:10
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko jeho ndababwira yuko umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, aba amutumye gusambana kandi ko uwurongoye umugore yahukanye, na we aba asambanye.


Bamwe mu Bafarisayo baraza bagerageza kumutega umutego, baramubaza bati: “Mbega biremewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe?”


Umugabo yirukanye umugore wiwe hanyuma akarongora uwundi mugore aba asambanye, kandi umugabo arongoye umugore yahukanye aba asambanye.


Ariko bishitse akahukana, ntaze asubire kurongorwa, canke na ho aze asubirane n’umugabo wiwe. N’umugabo na we ntakirukane umugore wiwe.


Abandi na bo, ibi ni vyo ndababwira, ariko ni jewe ubwanje, si Umwami Imana: mwene Data niyaba afise umugore atizera hanyuma uwo mugore agashaka kugumana na we, ntaze amwirukane.


Ariko umugabo atizera canke umugore atizera agomvye kwigira, mumureke yigire. Muri ico gihe uwo mugabo canke uwo umugore yizera ntaba akibohewe ku wo bubakanye atizera, kuko Imana yaduhamagariye kuba mu mahoro.


Ku vyerekeye abatararongorwa, nta bwirizwa nahawe n’Umwami, ariko ndababwira ico niyumvira nk’umuntu w’umwizigirwa yagiriwe ubuntu n’Umwami.


Ariko jewe niyumvira ko yonezerwa gusumba agumye uko yari ari, kandi nanje ndabahaye iyi mpanuro ndongowe na Mpwemu w’Imana.


Ibi ndabibabwiye nk’impanuro si itegeko ndabahaye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ