Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 6:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Mwirinde ubusambanyi. Ikindi caha cose umuntu akora ntigifata umubiri. Ariko uwusambana aba acumuye ku mubiri wiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Muhunge ubushakanyi. Icaha cose umuntu akora s’ic’ umubiri, arik’ ūshakana aba acumuye ku mubiri wiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 6:18
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ivyo vyatumye Imana ibareka kugira ngo bakore ibiteye isoni imitima yabo yipfuza, gutyo bakoreranira ibikorwa bihumanya imibiri yabo.


Mbega ntimuzi ko inkozi z’ibibi zitazoragwa Ubwami bw’Imana? Ntimukibeshe: abihumanisha ibijanye n’ubusambanyi, abasenga ibigirwamana, abasambanyi, abagabo bihindura abagore mu bumaraya, abahuza ibitsina basangiye,


Ndatinya kandi ko aho nzozira Imana izoncisha bugufi imbere yanyu, nkababazwa cane n’uko bamwe muri mwebwe batahevye ivyaha vyabo bakora kuva kera. Ntibihanye ivyonona, ubusambanyi, n’ibindi vy’isoni nke bakora.


Ibikorwa vya kamere muntu biragaragara, ni ibi: ubusambanyi, ibihumanya, ivy’isoni nke,


Ariko muri mwebwe ntihabemwo ubusambanyi, canke ukwipfuza ukwo ari kwo kwose, canke ubukunzi bw’inda, kuko bidakwiye ku bera b’Imana.


Nuko rero, mwice ibintu vyose vya kamere k’isi: ubusambanyi, ibihumanya, ivyipfuzo vy’umubiri, ivyipfuzo bibi n’ugukunda amahera, ari kwo gusenga ibigirwamana.


Ico Imana igomba ni uko mubaho mwejejwe, muri kure y’ivyaha vy’ubusambanyi.


mudatwarwa n’ivyipfuzo vy’umubiri nk’abapagani batazi Imana.


Uhunge ivyipfuzo bibi vy’ubusore, urondere ukugororoka, ukwizera, urukundo n’amahoro, wifatanije n’abambaza Umwami Imana n’imitima itanduye.


Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.


Bakundwa, ndabahanura, ko muri abashitsi n’ingenzi mw’isi, mwirinde ivyipfuzo vy’umubiri vyama bigwanya imishaha yanyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ