Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 5:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nimukure rero muri mwebwe umwambiro wa kera, kugira ngo mube igikandu kitagira umwambiro. Mu vy’ukuri ni co muri, kuko Kristo, umwagazi w’intama wa Pasika, yatanzwe nk’ikimazi ku bwacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Nuko ni mukūreh’ umwambiro wa kera, kugira ngo mube irobe risha, nk’uko mutarimw’ umwambiro. Kuk’ umwagazi w’intama wa Pasika wacu watanzwe kw ikimazi, ari we Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 5:7
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yongera abacira uwundi mugani ati: “Ubwami mw’ijuru bugereranywa n’umwambiro umugore akoresha mu gukora imikate. Naho yokoresha umwambiro muke mw’ifu ingana n’ibiro mirongo ibiri na bitanu, uwo mwambiro muke utuma igikandu cose gikakama.”


Ku musi wa mbere w’imisi mikuru y’Imikate itarimwo umwambiro, hari umugenzo wo gutanga ikimazi c’umwagazi w’intama wa Pasika. Nuko abigishwa babaza Yesu bati: “Ni hehe ugomba ko tugutegurira ivyokurya vya Pasika?”


Ku musi ukurikira, Yohana abonye Yesu aje amutumbereye, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana, akura ivyaha vy’abari mw’isi.


Abonye Yesu arengana, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana!”


Hari nk’isaha zitandatu ku musi wo kwitegurira Pasika. Nuko Pilato abwira Abayuda ati: “Ng’uwu umwami wanyu!”


Imana yamutanze kugira ngo abe ikimazi, atange amaraso yiwe abe impongano y’ivyaha vy’uwo wese yemeye kumwizera. Imana yabikoze gutyo kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo, kuko yihanganiye abantu ntiyabahanira ibigabitanyo bakoze muri kahise.


Iyo dusangiye ku mukate umwe tuba tubaye umubiri umwe n’aho turi benshi.


Imana ni yo izocira urubanza abatizera, ariko nk’uko Ivyanditswe bivuga, “Nimwirukane inkozi y’ikibi iri hagati muri mwebwe.”


Ku bijanye n’ingeso zanyu za kera, mwarigishijwe kwiyambura kamere k’icaha ari we muntu wanyu wa kera, abozwa n’ivyipfuzo vyiwe vy’uruhendo;


baririmba n’ijwi rirenga bati: “Umwagazi w’intama we yishwe, arabereye, kwakira ububasha, ubutunzi, ubwenge, inkomezi, icubahiro, ubwiza, n’amashimwe.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ