Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 5:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Simvuga abantu bo mu b’iyi si bagendera mu ngeso z’ubusambanyi, canke ingunge, canke abasuma, canke abasenga ibigirwamana, kuko vyosaba ko muva muri iyi si kugira mushobore kwirinda abantu nk’abo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ariko sinavuga abasambanyi bo mu b’iyi si, cank’ abifuza, cank’ abanyazi, cank’ abasenga ibigirwamana, kukw iyo biba birtyo mwari mukwiye kuva mw isi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 5:10
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Wa Mufarisayo ahagarara ukwiwe, asenga avuga ati: ‘Mana ndagushima ko ntameze nk’abandi: abasuma, inkozi z’ikibi, abasambanyi, kandi simeze nk’urya mutozakori.


Iyo muba ab’isi, yobakunze nk’abayo. Ariko ntimukiri ab’isi. Narabatoranije ndabakura muri yo, ni co gituma ibanka.


Narakumenyekanishije ku bo wampaye ubakuye mw’isi. Bari abawe urabampa, kandi bumviye ijambo ryawe.


Ndabasengeye; sinsengeye isi, ariko nsengeye abo wampaye, kuko ari abawe.


Yesu arabandanya ati: “Mwebwe muri abo kuri iyi si, ariko jewe nkomoka hejuru. Muri ab’ino si, ariko jewe sindi uw’ino si.


None umunyabwenge ari he? Umwigisha w’ivyagezwe ari he? Umunyabihari w’iki gihe ari he? Mbega Imana ntiyafashe ubwenge bw’iyi si ikabuhindura ubujuju?


Uwutizera niyagutumira iwe gufungura ukagenda, uzofungure ivyo akuzimanye vyose ata co urinze kuvyibazako.


Ahubwo nababwira kutifatanya n’uwigira mwene Data ariko ari umusambanyi, ingunge, asenga ibigirwamana, avuga nabi abandi, aborerwa, canke yiba. Umuntu nk’uwo ntimukwiye no gusangira ivyokurya.


Igihe nabandikira ubwa mbere nari nababujije kwifatanya n’abantu b’ingeso z’ubusambanyi.


Umwami w’iyi si yarahumishije ubwenge bw’abatizera, kugira ngo ntibabone umuco w’Ubutumwa Bwiza bw’ubwiza bwa Kristo, we shusho y’Imana.


ivyo mwagenderamwo mukurikira inzira mbi z’isi, mwumvira wa mutware w’ubwami bwo mu kirere, ni we mpwemu ikorera mu mitima y’abantu batumvira Imana.


kugira ngo mubeho mutagira umugayo, mugororotse, mube abana b’Imana batagira agatosi mu bantu b’iki gihe bagoramye kandi bononekaye, abo mubonekamwo mwakaka nk’inyenyeri zo kw’ijuru.


Abo bavugishwa b’ibinyoma ni ab’isi ni co gituma bavuga nk’ab’isi kandi isi irabumviriza.


Bakundwa, muze dukundane, kuko urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n’Imana kandi arayizi.


Turazi ko turi abana b’Imana, kandi ko isi yose iri musi y’ububasha bwa wa mubi.


Ca gisato, ari co kiyoka ca kera citwa Umubi canke Satani, uwuzimiza isi yose, gikororerwa kw’isi n’abamarayika baco bose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ