Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 5:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Narumvise ko hari ingeso y’ubusambanyi hagati muri mwebwe, ubusambanyi butaba no mu Banyamahanga: numvise ko hari umugabo yarongoye umugore wa se.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Inkuru yāmamaye hose yuko muri mwebge harih’ ubusambanyi: kand’ ubgo busambanyi butoba no mu banyamahanga, umuntu gucīkiza muka se ngw amwābīre.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 5:1
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ahubwo dukwiye kubandikira, tukabwira ko bokwirinda kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, bakirinda ingeso mbi z’ubusambanyi, kutarya ibikoko vyanizwe, n’amaraso.


Muze mwirinde kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, amaraso canke inyama z’ibikoko binizwe, kandi mwirinde ingeso mbi z’ubusambanyi. Nimwavyirinda muzoba mugize neza. Turabasezeye.


Bene Data, bamwe bo mu muryango wa Kilowe bambwiye ko hari imitongano muri mwebwe.


Ahubwo nababwira kutifatanya n’uwigira mwene Data ariko ari umusambanyi, ingunge, asenga ibigirwamana, avuga nabi abandi, aborerwa, canke yiba. Umuntu nk’uwo ntimukwiye no gusangira ivyokurya.


Uwundi avuga ati: “Ivyokurya ni ivy’inda, n’inda ni iy’ivyokurya kandi Imana izobirandura vyompi.” Yamara umubiri ntiwaremewe kuganzwa n’ubusambanyi, ariko waremewe kuba uw’Umwami Imana, kandi ni we awitaho.


Mwirinde ubusambanyi. Ikindi caha cose umuntu akora ntigifata umubiri. Ariko uwusambana aba acumuye ku mubiri wiwe.


Mbega ntimuzi ko inkozi z’ibibi zitazoragwa Ubwami bw’Imana? Ntimukibeshe: abihumanisha ibijanye n’ubusambanyi, abasenga ibigirwamana, abasambanyi, abagabo bihindura abagore mu bumaraya, abahuza ibitsina basangiye,


Ndatinya kandi ko aho nzozira Imana izoncisha bugufi imbere yanyu, nkababazwa cane n’uko bamwe muri mwebwe batahevye ivyaha vyabo bakora kuva kera. Ntibihanye ivyonona, ubusambanyi, n’ibindi vy’isoni nke bakora.


Nimba hariho uwabateye umubabaro, si jewe yabikoreye, ni mwebwe mwese yabikoreye, canke bamwe muri mwebwe, kandi aha sindengeje urugero.


Intumbero yanje rero ntiyari ukwandika ku bagize nabi canke abagiriwe nabi. Nabandikiye kugira ngo mu nyonga z’Imana umwitwarariko mudufitiye ugaragare.


Ibikorwa vya kamere muntu biragaragara, ni ibi: ubusambanyi, ibihumanya, ivy’isoni nke,


Ariko muri mwebwe ntihabemwo ubusambanyi, canke ukwipfuza ukwo ari kwo kwose, canke ubukunzi bw’inda, kuko bidakwiye ku bera b’Imana.


Nuko rero, mwice ibintu vyose vya kamere k’isi: ubusambanyi, ibihumanya, ivyipfuzo vy’umubiri, ivyipfuzo bibi n’ugukunda amahera, ari kwo gusenga ibigirwamana.


Imana ntiyaduhamagariye kuba abahumanye, ariko ishaka ko tugira ubuzima bwejejwe.


Namuhaye umwanya ukwiye ngo yihane ariko ntagomba kuva mu ngeso ziwe z’ubusambanyi.


Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ