Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 4:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ariko nibaza ko twebwe intumwa tumeze nk’imbohe z’intambara zigenewe kwicwa. Imana yadushize ku murongo inyuma y’abadufashe mpiri, mu birori vyazo vyo kwigina intsinzi. Twahindutse akamenyo kw’isi yose, mu maso y’abamarayika no mu maso y’abantu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kuko niyumvira yuko twebge intumwa, Imana yatwerekanye nk’abari hasi inyuma ya bose, nk’abagerewe kwicwa, kuko twacitse akābarore mw isi, mu bamarayika no mu bantu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 4:9
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mu mwanya muto igisagara cose cuzura imigumuko. Abantu bose biruka baja mu kibaza c’ibirori, bagenda barakwega Gayo na Arisitariko, abari bagendanye na Pawulo kuva i Makedoniya.


Na bamwe mu batware b’iyo ntara, bari abagenzi ba Pawulo, bamutumako bamwinginga ngo ntahirahire ngo yinjire muri ico kibanza kiberamwo ibirori.


Nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Kubera wewe, twama tugeramiwe n’urupfu umwanya wose; dufatwa nk’intama zijanywe kubagwa.”


Nimba ivyizigiro vyacu muri Kristo ari ivy’ubu buzima gusa, turi abahombe gusumba abandi bantu bose.


Mbega ni abakozi ba Kristo? (Nataye ubwenge kubona ndiko mvuga uku) Ndabaruta. Nakoze cane kubasumvya, nashizwe mw’ibohero kenshi, nakubiswe kenshi katoharurwa, nahatswe gupfa kenshi.


Dufatwa nk’abatazwi ariko tuzwi na bose. Dusa n’abegereje urupfu ariko tubandanya tubaho. Turakubitwa ariko ntidupfa.


maze ntimunyiganyizwe n’ibibagerageza. Ariko murazi neza ko ivyo biri mu vyo twateguriwe.


Mbega abamarayika bose si impwemu zikorera Imana? Ntiyazitumye gukorera abazoragwa agakiza?


Rimwe na rimwe mwamaramarizwa ku mugaragaro mugakubitwa, ahandi naho mugafasha abariko baragirirwa ivyo.


Abandi barashinyaguriwe barakubitwa. Abandi baboshwe iminyororo batabwa mu mabohero.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ