Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 4:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Ariko, Umwami Imana niyabikunda, nzobagendera vuba, kandi sinzokwumviriza gusa amajambo y’abo bantu b’ubwibone, ahubwo nzorondera kumenya nimba bakoreshwa n’ubushobozi bw’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Ariko nzoza vuba, Umwami wacu ni yabigomba; kandi s’amajambo y’abīkakīsha nzomenya, ariko n’ubushobozi bgabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 4:19
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko mu kubasezera ababwira ati: “Nzogaruka hanyuma Imana niyabishaka.” Nuko afata ubwato ava muri Efeso,


Inyuma y’ivyo, Pawulo, asunitswe na Mpwemu, aca afata ingingo yo kuja i Yerusalemu, aciye i Makedoniya no muri Akaya. Yavuga ati: “Mvuyeyo, ntegerezwa guca nja i Roma.”


Nuko aca muri iyo ntara yose aremesha abizera n’inyigisho nyishi zo kubatera intege, maze ashika mu Bugiriki,


Maze, Imana ibishatse, nzoheza nze iwanyu nuzuye umunezero, gutyo nduhurwe no kubana namwe.


Uwuzokwumva ashonje cane azofungure iwe kugira ngo yoye kwikwegera gutsindwa n’urubanza. Ku bindi bibazo mwanyandikiye, nzobaha inyishu ninashika iwanyu.


Vyobaye vyiza mwese muvuze mu ndimi, ariko ikirengeye ni uko mwovugishwa n’Imana. Uwuvugishwa n’Imana arahambaye gusumba uwuvuga mu ndimi, kiretse mu gihe yoba ashobora kuzisobanura kugira ishengero ryose rikomezwe.


Nzobagendera mvuye i Makedoniya kuko nipfuza gucayo.


Sinshaka kuhaca ndengana, nipfuza kumarana namwe umwanya ukwiye Umwami Imana abikunze.


Ariko ku bakuze mu kwizera, ubutumwa tuvuga ni ubw’ubwenge: ubwo bwenge si ubw’iki gihe canke ubw’abatware b’iki gihe bazokurwaho.


Bamwe muri mwebwe batewe n’ubwibone bibaza ko ntazoza kubagendera.


Bene Data, natanze akarorero kuri jewe no kuri Apolo ku bwanyu, kugira ngo mutwigireko iri jambo rivuga riti: “Ntimukarenge ku vyanditswe;” aho ni ho ata n’umwe muri mwebwe azokwirata kuba umwigishwa w’umwe ngo amurutishe uwundi.


Imana ni yo ntanzeko icabona, ndahiye ubuzima bwanje, ko ivyo ndababwira ari ukuri. Igituma ntagarutse i Korinto, kwari ukugira ngo sindabateko ishavu.


Sinshaka kuboneka nk’aho ndiko ngerageza kubatera ubwoba mu makete ndabandikira,


Dutere tuja imbere; kandi Imana ivyemeye, ni ko tuzobigenza.


Ahubwo, mwari mukwiye kuvuga muti: “Umwami niyabishaka, tuzobaho dukore ibi na biriya.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ