Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 3:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Ntimwihende! Nimba muri mwebwe hari uwibaza ko ari umunyabwenge afatiye ku rugero rw’ubwenge bwo mw’isi, yari akwiye kuba ikijuju kugira ngo ashobore kuba umunyabwenge w’ukuri,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Ntihakagire umuntu yihenda; umuntu wo muri mwebge ni yiyumvira kw ar’ umunyabgenge ku vy’iki gihe, abe igipfu, kugira ngw abone kuba umunyabgenge.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 3:18
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imbuto zaguye mu mahwa, ni ikigereranyo c’umuntu yumva ijambo ry’Imana, ariko imyitwarariko y’ivy’iyi si hamwe n’uruhendo rw’ubutunzi bikaza bikanyoha iryo jambo yumvise bigatuma ata co ryama.


Kandi umuntu wese yicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu Bwami bw’ijuru.


Ndababwire ukuri, umuntu wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana muto ntazokwigera abwinjiramwo.”


Ndababwire ukuri, umuntu wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana muto ntazokwigera abwinjiramwo.”


Na we arabishura ati: “Mwiyubare ntihagire umuntu n’umwe abazimiza. Kuko benshi bazoza biyita izina ryanje, bavuga ngo: ‘Ni jewe Kristo,’ kandi ngo: ‘Igihe kirashitse.’ Ntimuze mubakurikire.


Bene Data, ndagomba ko mumenya iri banga ngira ndababwire kugira ngo bibarinde ubwibone. Bamwe mu Bisirayeli bafise imitima ikomantaye, ariko ivyo bizorangira igitigiri c’Abanyamahanga binjira mu gakiza gikwiye.


Mubane amahoro n’abandi. Ntimukishire hejuru, ahubwo munezerezwe no kwifatanya n’abaciye bugufi. Ntimukiyite abanyabwenge.


Ntihagire uwubazimiza: “Abagenzi babi bonona ingeso z’umuntu.”


Nihagira uwusambura ingoro y’Imana, Imana na yo izomurandura, kuko ingoro y’Imana yejejwe, kandi iyo na yo akaba ari mwebwe.


Turi ibijuju ku bwa Kristo, ariko mweho mwigira abanyabwenge muri Kristo. Turi abanyantegenke, ariko mweho mwigira abanyenkomezi. Muri abanyacubahiro, ariko twebwe turakengeretse.


Mbega ntimuzi ko inkozi z’ibibi zitazoragwa Ubwami bw’Imana? Ntimukibeshe: abihumanisha ibijanye n’ubusambanyi, abasenga ibigirwamana, abasambanyi, abagabo bihindura abagore mu bumaraya, abahuza ibitsina basangiye,


Iyo wibaza ko uhambaye kandi ata co uri, uba wihenze wewe nyene.


Ntimuhendwe: Imana nticokorwa. Ico umuntu abiba ni co azokwimbura.


Ntihagire uwubahendesha amajambo atagira ikimazi, kuko ibintu nk’ivyo bizana uburake bw’Imana ku batayumvira.


Ariko abanyakibi bazoshika kure mu bibi vyabo. Bazozimiza benshi kandi na bo ubwabo bazokwizimiza.


Natwe twahora turi imburabwenge, turi abagarariji, twarahenzwe twongera tugirwa imbohe n’ivyipfuzo vy’ibihimbaro vy’ubwoko bwose. Twari twuzuye ubugunge n’ukwipfuza, twankwa kandi twankana hagati yacu.


Kandi iryo Jambo ntimupfe kuryumviriza gusa, mwihenda. Ahubwo mukore ico ribabwira.


Abiyumvira ko bemewe kubera idini ryabo, ariko ntibirinde mu vyo bavuga, baba bihenda kandi kuba mw’idini kwabo nta co bimaze.


Iyo tuvuze ko ata caha dufise, tuba twibesha kandi ukuri ntikuba kuri muri twebwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ