Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 3:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ariko umusi w’imanza uzogaragaza igikorwa c’umwe umwe wese kuko uzohishuranwa n’umuriro, kandi uwo na wo uzokwerekana agaciro k’igikorwa c’umuntu wese.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 igikorwa c’umuntu wese kizoseruka. Wa musi uzogiserura, kuk’ uzohishuranwa n’umuriro, kand’ igikorwa c’umuntu wese uwo muriro uzokigeza ico kirimwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 3:13
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ndababwire ukuri: ku musi w’imanza, ibihugu vya Sodomu na Gomora bizogira agahengekerezo kurusha ico gisagara.


Kuko Umwana w’Umuntu agiye kugaruka ari mu bwiza bwa Se, ari kumwe n’abamarayika biwe, hanyuma ahe impembo umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.


Ivyo bizotuma ivyiyumviro vyo mu mitima ya benshi bija ahabona. Kandi nawe nyene, inkota izogusogota mu mutima.”


Nuko rero, ubu ni bwo Butumwa Bwiza mvuga: umusi uraje, aho Imana izocira imanza ivyo abantu bagize amabanga yabo, ibicishije kuri Yesu Kristo.


Ariko kubera ufise umutima ukomantaye utagomba kwihana, uriko wikwegera guhanwa, ku musi w’uburake bw’Imana aho urubanza rwayo rugororotse ruzohishurirwa.


Ni we azobaha gushikama gushika kw’iherezo, kugira ngo muzobe mutagira umugayo ku musi Yesu Kristo azogarukirako.


Uwurwubakako wese ashobora gukoresha ibikoresho bitandukanye: inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro, ibiti, ibishakashaka canke ivyatsi.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza igihe co guca imanza kitaragera; nimurindire gushika Umwami Yesu agarutse. Ni we azonyegurura ivyanyegejwe mu mwijima, yongere ashire ahabona ivyiyumviro vyo mu mitima y’abantu. Aho ni ho umuntu wese azohabwa n’Imana ishimwe rimukwiye.


Ni co gituma ndiko ndababazwa uku. Ariko singira isoni kuko ndazi uwo nizeye, kandi sinkekeranya ko ashoboye kuzigama ico namubikije gushika ku musi w’ukugaruka kwiwe.


Umwami Imana amuhe kuzobona ubuntu buva kuri Kristo ku musi azogarukirako. Murazi ingene yamfashije mu buryo bwinshi igihe nari muri Efeso.


Ariko nta ho bazoshika kuko ubupfu bwabo umusi umwe buzomenyekana nk’uko vyagenze kuri Yane na Yambure.


Ubu ndindiriye umudari wo kugororoka, uwo Umwami Imana, we mucamanza agororotse, azompa kuri uwo musi. Kandi ntazowuha jewe jenyene, azowuha n’abarindiranye igishika uguhishurwa kwiwe.


Kandi ntiduhebe gukoranira hamwe, nk’uko bamwe babigira, ahubwo duterane intege, na canecane ubu mubona ko umusi wo kugaruka kwiwe wegereje.


Iyo mibabaro iriho kugira ngo ipime ukwizera kwanyu yerekane ko ari ukw’ukuri. Kurya inzahabu ishira igeragereshwa umuriro kugira ngo igaragare ko ari iy’ukuri, ni ko biri no ku kwizera kwanyu. Gufise agaciro kanini cane kurusha ak’inzahabu, ni co gituma gupimwa kugira ngo nikwamara kurama, kuze kubazanire ubwiza, gushimwa n’icubahiro ku musi Yesu Kristo azohishurirwa isi yose.


Bakundwa, ntimutangazwe n’uko muri mu muriro wo kubagerageza, nk’aho womenga mushikiwe n’ikintu kidasanzwe.


Ariko umusi Umwami wacu azogarukirako uzoshika nk’igisuma. Amajuru azozimangana mu kwasana guhambaye cane; ibiri mu kirere bizotongorwa n’umuriro, kandi isi n’ibiri muri yo vyose bizocirwa urubanza.


Bivuye muri iryo jambo nyene, amajuru y’ubu n’isi y’ubu bibikiwe kuzotongorwa n’umuriro, birindirijwe uyo musi wo guca imanza no guhonya abatubaha Imana.


Nca mbona abapfuye, abakuru n’abato, bahagaze imbere ya ya ntebe, maze ibitabu birugururwa. Ikindi gitabu kirugururwa, ni co gitabu c’ubugingo. Abapfuye bacirwa urubanza rw’ivyo bakoze nk’uko vyari vyanditse muri ico gitabu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ