Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 2:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ivyo tubabwira ntitubivugisha ubwenge bw’abantu, ariko tubabwira ivyo duhawe na Mpwemu, tukabivuga mu kuri kwa Mpwemu, dukoresheje n’amajambo duhawe na Mpwemu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Na vyo nyene turabivuga, ariko ntitubivuga mu majambo yigishwa n’ubgenge bg’abantu, ariko tubivuga mu yigishwa na Mpwemu, tugereranya ivy’ impwemu n’ivy’ impwemu bindi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 2:13
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mpwemu Yera azobaha ivyo mukwiye kuvuga ako kanya nyene.”


Bose baca buzura Mpwemu Yera, batangura kuvuga mu zindi ndimi nk’uko Mpwemu Yera abashoboje kuzivuga.


Kuko Kristo ntiyantumye kubatiza, ariko yantumye kuvuga Ubutumwa Bwiza, ntakoresheje amajambo y’ubwenge bw’abantu, kugira ngo simpindure ubusa ubushobozi bw’umusaraba wa Kristo.


Uwuvuga mu ndimi zitamenyekana ntaba ariko arabwira abantu ahubwo aba ariko arabwira Imana, kandi nta n’uwushobora kumutahura. Impwemu yiwe iba iriko iravuga amabanga.


Bene Data, igihe naza iwanyu, sinaje mfise amajambo aryohoye arimwo ugushira amazinda, canke ubwenge bw’abantu mu kubamenyesha ibanga ry’Imana.


Umuntu adafise Mpwemu ntashobora kwakira ibiva kuri Mpwemu w’Imana, kuko bisa n’ubujuju kuri we, kandi ntashobora kubitahura kuko bisesangurwa biciye muri Mpwemu.


Ubutumwa bwanje n’ukwigisha kwanje ntivyarimwo ubwenge bwinshi n’amajambo yo kwemeza abantu, ariko yagaragaramwo ubushobozi bwa Mpwemu Yera,


Ko twababivyemwo imbuto mu buryo bw’impwemu, ntitwari dukwiye kubimburamwo ivyokurya vy’umubiri?


mubwirane amazaburi n’indirimbo, zo guhimbaza ziva kuri Mpwemu. Muririmbe kandi mucurarangire Umwami bivuye mu mitima yanyu,


Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, mwigishanye kandi muhanurane mu bwenge bwose, muririmba amazaburi n’indirimbo n’amatazirano y’impwemu mushima Imana mu mitima yanyu.


Imana yabahishuriye ko ivyo bavugishwa bitari biberekeye, ahubwo ko vyari vyerekeye mwebwe. Ubwo butumwa namwe mwarabubwiwe n’ababuvuga basunitswe na Mpwemu Yera yarungitswe avuye mw’ijuru. Ivyo ni igitangaza kuko n’abamarayika baripfuza kubibona bishika.


Ntitwakurikiye imigani yashizweho n’ubwenge bw’abantu gusa igihe twababwira ivyo kuza mu bushobozi kw’Umwami wacu Yesu Kristo, ariko twebwe twari ivyabona, kuko twiboneye ubwiza bwiwe bw’akaburarugero.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ