Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 16:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ndashobora kuzomarana namwe igihe, mbere nshobora kuhamara igihe c’imbeho nyinshi cane, kugira ngo muzomfashe ku bijanye no kubandanya urugendo, iyo nzoba ngiye hose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ariko kumbure nzomarana namwe imisi, canke nzomara n’urushana, kugira ngo mumperekeze, munsezere neza aho nzoja hose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 16:6
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko ishengero rimaze kubarungika, baca i Foyinike n’i Samariya, biganira abandi bizera ingene Abanyamahanga na bo bizeye Imana, ivyo bitera umunezero mwinshi bene Data bose.


Abaherekeje Pawulo bamushikana muri Atenayi, baca basibura i Beroya. Nuko Pawulo abatuma kuri Silasi na Timoteyo ababwira ko boca bamusangayo badatevye.


Icabababaje kurusha ibindi, ni uko yari yababwiye ko batazosubira kumubona ukundi. Nuko baca baramuherekeza gushika ku bwato.


Ariko iyo ndwi iheze, duca turabandanya urugendo. Bene Data bose, bari kumwe n’abagore n’abana, baraduherekeza kuva mu gisagara gushika ku nkengera y’ikiyaga. Tuhashitse, turapfukama turasenga.


Kubera bitari vyoroshe kumara muri ico kivuko igihe c’imbeho nyinshi cane cari kigiye kuza, benshi mu bari mu bwato bahitamwo ko twobandanya, kugira ngo bishobotse tumare ico gihe i Foyinike. Foyinike cari ikivuko c’i Kirete caraba mu bumanuko bushira uburengero no mu buraruko bushira uburengero.


Tuhamaze amezi atatu, duca twurira ubwato bwava muri Alegizanderiya bwari bwabujijwe kubandanya urugendo n’igihe c’imbeho nyinshi cane. Umutwe wabwo wariko ikimenyetso c’ibigirwamana vy’amahasa bibiri vyitwa Kasitori na Polugisi.


Ndiko ndategura kuja muri Esupanye maze mpite ndabaramutsa. Nitwamarana inkumbu, muzoheza mumfashishe ivyankenerwa kugira mbandanye urugendo.


Ntihazogire uwumugaya, ahubwo mumuhezagize ibikenewe mu rugendo rwiwe agarutse. Twe na bene Data tumurindiranye igishika.


Nari nateguye guca iwanyu ngiye i Makedoniya, nkongera nkahaca ngaruka, kugira mumfashe mu bikenewe ku rugendo rwanje nja i Yudaya.


Ninakurungikira Arutemasi canke Tukiko, uze ugerageza unsange i Nikopolisi, kuko nahisemwo kuzomarayo igihe c’imbeho nyinshi cane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ