Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 16:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Murazi ko abo mu muryango wa Setefana ari bo bizeye ubwa mbere muri Akaya, baca bihebera gukorera abizera: ndabinginze rero bene Data,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Nuko ndabinginze, bene Data, murazi abo kwa Stefana, kw ari bo bāshuje mu Banyakaya, kandi kw ari bo bītangiye gukorera abera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 16:15
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Igihe Galiyo yatwarira Kayisari muri Akaya, Abayuda bahuje umutima n’inama kugwanya Pawulo, bamutwara ku bacamanza


Mufashe bene Data mu vyo bakenye kandi mwakirane hagati yanyu.


Ariko imbere yo kuza, nzobanza kuja i Yerusalemu gushikiriza bene Data baho imfashanyo.


Munsengere kugira ngo Imana ize indinde abatizera b’i Yudaya, kandi n’abizera na bo b’i Yerusalemu baze bemere imfashanyo ndabashiriye.


Ndabasavye muze mumwakire mw’izina ry’Umwami wacu nk’uko bibereye abera b’Imana. Muze mumufashe mu vyo azokenera vyose, kuko yagiriye ikimazi benshi na canecane jewe.


Muntahirize ishengero rikoranira mu nzu yabo. Muntahirize umukunzi wanje Epayineto, uwabaye uwa mbere mu bizeye Yesu Kristo mu ntara ya Aziya.


(Egome narabatije n’abo mu muryago wa Setefana, ariko atari abo, sinibuka ko hari uwundi muntu n’umwe noba narabatije.)


Ku bijanye no kwegeranya uburyo bwo gufasha abizera b’i Yerusalemu, mubikore nk’uko nabihanuye amashengero y’i Galatiya.


Naranezerewe cane numvise ko Setefana, Forotunate na Akayiko bashitse ngaha. Bamfashishije ivyo nari nkeneye vyose mu kibanza canyu.


Baratwinginze kenshi ngo tubagirire ubuntu ngo bagire ico bakoze mu gutanga imfashanyo igenewe abera b’i Yerusalemu.


Ntivyari bikwiye ko ndinda kubandikira mwebwe abizera ivy’iki gikorwa co gutanga,


kandi akaba ashingirwa intahe ku bw’ibikorwa vyiwe vyiza nko kurera neza abana, kwakira abandi i muhira, kwoza ibirenge vy’abera, gufasha abari mu ngorane, ndetse akaba yariyeguriye gukora ibikorwa vyiza vy’ubwoko bwose.


Urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rwongera runtera intege, kuko waremesheje imitima y’abizera.


Kuko Imana ntirenganya ngo yibagire ibikorwa mwakoze canke urukundo mwerekanye ku bw’izina ryayo mu gukorera abizera, kandi mukaba mukibandanya mubikora.


Umwe wese akoresha ingabire yose yahawe n’Imana ku nyungu z’abandi. Muzikoreshe nk’abizigirwa b’Imana bagabura ubuntu bw’Imana bw’uburyo bwinshi.


Abo ni bo batandujwe n’abagore, ariko bazigamye ukwera kwabo, bakurikira wa Mwagazi aho aja hose. Bacunguwe bakuwe mu bantu, kugira ngo bashikanirwe Imana na wa Mwagazi nk’ivyeze ubwa mbere.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ