Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 16:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Ivyo mukora vyose mubikore mu rukundo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ivyo mukora vyose mubikorane urukundo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 16:14
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Iyo ivyo urya bitsitaza mwene Data wundi, hanyuma ugashishikara ubirya, ntuba ukiriko uragendera mu rukundo. Ntukemere rero ko indya urya zituma uwo Kristo yapfiriye akora icaha akaranduka.


Ariko mwipfuze ingabire zisumba izindi zose. Reka ndabereke inzira irashe gusumba izindi zose.


Murondere kugira urukundo kandi mwipfuze cane kuronka ingabire za Mpwemu, na canecane ingabire y’ukuvugishwa n’Imana.


Murazi ko abo mu muryango wa Setefana ari bo bizeye ubwa mbere muri Akaya, baca bihebera gukorera abizera: ndabinginze rero bene Data,


Ku bijanye n’ivyashikaniwe ibigirwamana, ndazi ko twese dufise ico tubiziko. Ariko ubumenyi butuma umuntu yishira hejuru; urukundo ni rwo rwubaka.


Ariko ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ibi: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ingeso nziza, kugira neza, ubwizigirwa,


Kandi dusenga ngo Imana yongerereze kandi isesekaze urukundo mugiriranira muri mwebwe, n’abandi bose, nk’uko urwacu rumeze kuri mwebwe.


Ubu rero Timoteyo aherutse kugaruka avuye iwanyu, kandi yatuzaniye inkuru nziza y’ukwizera n’urukundo vyanyu. Yatubwiye ko mugira umunezero iyo mutwibutse, kandi ko mwipfuza gusubira kutubona nk’uko natwe twipfuza gusubira kubabona.


Bene Data, birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, kuko ukwizera kwanyu kubandanya gukomera, kandi n’urukundo mugiriranira hagati yanyu na rwo rukaba ruguma rugwira.


Intumbero y’inyigisho ni ukugira ngo abizera buzure urukundo ruva mu mitima itunganye, itarimwo ijwi ribagiriza ikibi, bafise ukwizera nyakwo.


Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.


Ariko ikiruta vyose, mushishikare gukundana, kuko urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.


ku kwubaha Imana mwongereko kugiriranira igishika; ku kugiriranira igishika mukwongereko urukundo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ