Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 16:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Mube maso, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire umwete, mugire umutima rugabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Mwame mugavye, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire inkomezi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 16:13
53 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko rero mube maso, kuko mutazi umusi n’isaha.


Nimube maso musenge kugira ngo ntimutsindwe n’amageragezwa. Kuko umutima urabikunze ariko umubiri ufise intege nke.”


Nuko rero mwame maso, musenge kugira ngo muze muronke inkomezi zibashoboza kurengana ivyo vyose, no kugira ngo muze mushobore guhagarara imbere y’Umwana w’Umuntu.”


Bene Data, ntimube nk’abana bato mu gutahura ibi. Mube abana bato ku bijanye n’icaha, ariko mube nk’abakuze mu gutahura ibintu nk’ibi.


None bene Data nkunda, mushikame ntihagire ikibanyiganyiza. Mwihebere ibikorwa vy’Umwami kuko muzi neza ko ibikorwa vyanyu atari impfagusa mu Mwami.


Ariko ibi ntibisigura ko tugomba kubaremera tubabwira ngo mushire ukwizera kwanyu mu ngiro. Dushaka gukorera hamwe namwe kugira ngo umunezero wanyu wuzuzwe, kuko ukwizera kwanyu ni kwo kuzotuma mushikama.


Kristo yatubohoye kugira ngo aduhe umwidegemvyo. Hagarara mushikamye rero, ntimwongere kwemera umuntu n’umwe asubira kubaremereza imitwaro y’ubuja bw’ivyagezwe.


Nsaba Imana ko bivuye ku butunzi butagira urugero bw’ubwiza bwayo, yobakomeza mu Mpwemu, mu kubaha ubushobozi biciye muri Mpwemu wayo,


Ijambo rya nyuma: mukomere mu Mwami wacu no mu bushobozi bwiwe bwinshi.


Muri vyose, mugire ingeso zijanye n’Ubutumwa Bwiza bwa Kristo kugira ngo, nshoboye kuza tukongera tukabonana canke bidashobotse, nzokwumve ko mushikamye kandi muri umwe mu Mpwemu, mufise umutima umwe, mugwanira ukwizera kuva ku Butumwa Bwiza.


None rero, bene Data, abo nkunda kandi nipfuza cane kubona, mwebwe munezero wanje n’igitsibo canje, muhagarare mushikamye mu Mwami Yesu, bakunzi banje.


nimba vy’ukuri mwagumye mu kwizera, mushinzwe neza kandi mutanyiganyiga mu vyizigiro vyanyu biva mu Butumwa Bwiza. Ubwo ni bwo mwumvise kandi bwavuzwe mu vyaremwe vyose biri musi y’ijuru. Ubwo ni bwo jewe, Pawulo, nabereye umukozi.


Epafura, umwe muri mwebwe kandi akaba umukozi wa Kristo Yesu, arabaramutsa. Yama imisi yose abagwanira intambara mu gusenga, kugira ngo muhagarare mushikamye, mukuze mu mpwemu kandi mushize amanga, mwiteguriye gukora ivyo Imana igomba vyose.


Mushishikarire gusenga, mube maso kandi mushima.


Kumenya ko muhagaze mutanyiganyiga mu Mwami bisubiza intege mu buzima bwacu.


Ni co gituma tudakwiye kwifata nk’abandi basinziriye. Twame turi maso, twirinde akaborerwe.


None rero bene Data, mushikame, mwumire ku vyo twabigishije, haba mu majambo twababwiye canke mw’ikete twabandikiye.


Ugwane intambara y’ukwizera. Uzigame cane ubugingo budashira wahamagariwe, igihe wagira ukwatura kwiza imbere y’ivyabona vyinshi.


None rero na we, mwana wanje, ugirire inkomezi mu buntu turonkera muri Kristo Yesu.


Ariko wewe, wame uri maso muri vyose, wihanganire ibikubabaza, ukore igikorwa c’umuvuzi w’Ubutumwa Bwiza, ushitse ku musozo ibango Imana yaguhaye.


Nagwanye intambara nziza, narangije urugendo, nazigamye ukwizera.


Umuhero wa vyose uri hafi. Ku bw’ivyo, mukwiye kubaho mwirinda kandi mugavye kugira ngo mushobore gusenga.


Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa.


“Ehe ndaje nk’igisuma atawunyiteze. Hahiriwe uwama ari maso, akama yambaye, kugira ngo ntazogende ari gusa, akamaramazwa n’ubwambure bwiwe.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ