Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 16:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Ntihazogire uwumugaya, ahubwo mumuhezagize ibikenewe mu rugendo rwiwe agarutse. Twe na bene Data tumurindiranye igishika.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Nuko ntihaze hagire ūmukēngēra, ariko muze mumuherekeze mumusezere amahoro, az’ ansange ino, kuko niteze kw azozanana na bene Data.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 16:11
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwubumvira ni jewe aba yumviye, kandi uwubanka ni jewe aba yanse. Uwunyanse na we aba yanse uwantumye.”


Nuko ishengero rimaze kubarungika, baca i Foyinike n’i Samariya, biganira abandi bizera ingene Abanyamahanga na bo bizeye Imana, ivyo bitera umunezero mwinshi bene Data bose.


Nuko bahamara igihe, hanyuma abizera bo muri Antiyokiya barabasezera n’umuhezagiro w’amahoro, maze na bo basubira ku babatumye. [


Timoteyo niyashika hiyo, muzomwakire neza kugira agubwe neza muri mwebwe, kuko ariko akora igikorwa c’Umwami co kimwe nanje.


Ndashobora kuzomarana namwe igihe, mbere nshobora kuhamara igihe c’imbeho nyinshi cane, kugira ngo muzomfashe ku bijanye no kubandanya urugendo, iyo nzoba ngiye hose.


Nari nateguye guca iwanyu ngiye i Makedoniya, nkongera nkahaca ngaruka, kugira mumfashe mu bikenewe ku rugendo rwanje nja i Yudaya.


Ni co gituma uwanse kugendera izi nyigisho ataba yanse umuntu, ariko aba yanse Imana, yo ibaha Mpwemu wayo Yera.


Ntihagire uwukugaya kubera ukiri muto, ahubwo ubere akarorero abizera: mu mvugo no mu ngiro, mu rukundo, mu kwizera, no mu kugororoka.


Ivyo ni vyo ukwiye kwigisha abizera. Ubahimiririze kubikora kandi ukosore abatabikora, kandi ubigire mu mubasha wahawe bwose. Ntukemerere umuntu n’umwe kugusuzugura.


Na bo bashingiye intahe urukundo rwawe imbere y’ishengero. Ndakwinginze ubandanye ubashigikira mu vyo bakeneye mu buryo bunezereza Imana,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ