Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 16:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ku bijanye no kwegeranya uburyo bwo gufasha abizera b’i Yerusalemu, mubikore nk’uko nabihanuye amashengero y’i Galatiya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nuko ku vyo gukoranya ibitabara abera, nk’uko nageze amashengero y’i Galatiya, abe ari ko namwe mukora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 16:1
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwe muri bo yitwa Agabo, arahaguruka, yuzuye Mpwemu Yera, avuga ko ikigoyi kizotera mu bwami bw’Abaroma bwose. (Ivyo vyahavuye bishika ku ngoma ya Kilawudiyo.)


Nuko barabishitsa, barungikira infashanyo zabo abakuru b’ishengero ry’i Yerusalemu, zitwawe na Baranaba na Sawuli.


Pawulo na bagenziwe baca mu ntara za Furugiya na Galatiya, kuko Mpwemu Yera yari yababujije kuvuga Ijambo ry’Imana muri Aziya.


Amaze igihe gito muri Antiyokiya, avayo agendera ahantu hatandukanye mu ntara za Galatiya na Furugiya, akomeza abizera bose.


Inyuma y’imyaka myinshi ndi mu mahanga, nagarutse i Yerusalemu nzaniye imfashanyo abakene, nje no gutanga ibimazi.


Ananiya arishura ati: “Mwami, narumvise benshi bavuga ivy’uwo muntu n’amabi yakoreye abera bawe i Yerusalemu.


Petero aca amufata ukuboko aramuhagurutsa. Hanyuma ahamagara abizera, na canecane abapfakazi, amubashikiriza ari muzima.


Mufashe bene Data mu vyo bakenye kandi mwakirane hagati yanyu.


Uwuzokwumva ashonje cane azofungure iwe kugira ngo yoye kwikwegera gutsindwa n’urubanza. Ku bindi bibazo mwanyandikiye, nzobaha inyishu ninashika iwanyu.


Murazi ko abo mu muryango wa Setefana ari bo bizeye ubwa mbere muri Akaya, baca bihebera gukorera abizera: ndabinginze rero bene Data,


Ni co gituma nabarungikiye Timoteyo, umwana wanje nkunda kandi w’umwizigirwa mu Mwami. Azobibutsa ingene mbayeho muri Kristo Yesu, nk’uko ndavyigisha hose mu mashengero yose.


hamwe na bene Data bose turi kumwe, Turabandikiye mwebwe amashengero y’i Galatiya:


Ico batwihanikirije kwari uko twokwibuka kwitwararika abakene, kandi ico nanje nkaba namye ndagifitiye ishaka kuva kera.


kuko numvise ukwizera Umwami Yesu kuri muri wewe, n’urukundo ufitiye abizera bose.


Urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rwongera runtera intege, kuko waremesheje imitima y’abizera.


Kuko Imana ntirenganya ngo yibagire ibikorwa mwakoze canke urukundo mwerekanye ku bw’izina ryayo mu gukorera abizera, kandi mukaba mukibandanya mubikora.


Iyo umuntu afise ubutunzi bwo kw’isi, hanyuma akabona mwene Data wundi akenye, ariko ntamutere ikigongwe ngo amufashe, yoshobora kuvuga ko akunda Imana?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ