8 Ubwa nyuma aranyiyereka nanje, nk’uwavutse mu gihe kitari co.
8 Maze hanyuma ya bose nanje aranyiyereka ndi nk’umwana w’icenda.
Umusi umwe hari mw’ijoro, Umwami Imana abarira Pawulo mu ndoto ati: “Ntutinye! Bandanya uvuga, ntucereze,
Maze aravuga ati: ‘Imana ya ba sogokuruza yagutoranirije kumenya ivyo igomba, kubona wa Mugororotsi, no kwumva ijwi ryiwe.
mbona Umwami Yesu ambwira ati: ‘Ihute uve i Yerusalemu kuko abaho batazokwemera intahe unshingira.’
Nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, ndiko ndegereza i Damasiko, umuco uvuye mw’ijuru undasira impande zose.
Umusi umwe nari ngiye muri ivyo bikorwa nyene i Damasiko, nahawe ububasha kandi ntumwe n’abakuru b’abaherezi.
None rero va hasi uhagarare, kuko ndakwiyeretse kugira ngo ndagutume nk’umukozi wanje, kandi nk’icabona co gushingira intahe ivyo wambonyeko n’ivyo nzokwereka.
Nuko Ananiya aca aja kuri ya nzu arinjira. Arambika ibiganza kuri Sawuli, avuga ati: “Mwene Data Sawuli, Umwami Yesu, uwakwiyeretse uri mu nzira uza, yakuntumyeko kugira ngo uhumuke kandi wuzure Mpwemu Yera.”
Mbega sindi uwidegemvya? Mbega sindi intumwa? Mbega siniboneye Yesu Umwami wacu amaso mu yandi? Mbega ntimuri ivyamwa vy’ibikorwa nakoreye Umwami?