Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 15:56 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

56 Kuko icaha ni uruboyi rw’urupfu, kandi ububasha bw’icaha buri mu vyagezwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

56 Ivyaha ni vyo ruboyi rw’urupfu, kand’ ubushobozi bg’ivyaha n’ivyagezwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 15:56
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu yongera kubabwira ati: “Ngiye kugenda, kandi muzondondera, ariko muzopfira mu vyaha vyanyu. Aho ngiye kuja, ntimushobora kuhashika.”


Ni co gituma nababwiye ko muzopfira mu vyaha vyanyu; kuko nimutizera ko ndi uwo nababwiye ko ndi, muzopfira mu vyaha vyanyu.”


Ivyagezwe bizana uburake bw’Imana ku wubirengako wese, kandi iyo bitahari ntihaba kubirengako.


Ariko hariho itandukaniro rinini hagati y’icaha ca Adamu n’ingabire y’ubuntu bw’Imana. Ni ivy’ukuri ko abantu benshi bapfuye kubera icaha c’uwo muntu umwe. Yamara ubuntu bw’Imana n’ingabire y’imbabazi yatanze biciye ku wundi muntu, ari we Yesu Kristo, birengeye ivyo.


Ni ivy’ukuri ko kubera icaha c’umuntu umwe, urupfu rwashitse ku bantu bose. Ariko, biciye ku wundi muntu umwe, ari we Yesu Kristo, Imana yahaye abana b’abantu ivyiza birengeje: yabagiriye ubuntu butagira akagero ibemera ko bagororotse kandi yemera ko bazoganzanya na Kristo mu buzima.


Ivyagezwe vyatanzwe kugira ngo abantu bose bashobore kubona ingene ari abanyavyaha. Ariko uko abantu barushirije gucumura cane, ni ko n’ubuntu bw’Imana butangaje bwarushirije kuba bwinshi.


Kuko impembo y’icaha ni urupfu, ariko ingabire Imana itanga ku buntu ni ubugingo budashira duheshwa no kwizera Kristo Yesu, Umwami wacu.


Kandi nk’uko umuntu wese ategerezwa gupfa rimwe maze inyuma yaho hakaza urubanza,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ