Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 15:54 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

54 Maze uwu mubiri ubora umaze kwambara ukutabora, n’ugupfa kwawo kukambara ukudapfa, ni ho ibi vyanditswe bizoba bishitse, ngo: “Urupfu rwamizwe n’intsinzi.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

54 Ariko, uyu ubora ni wamara kwambara ukutabora, n’uyu upfa ni wamara kwambara ukudapfa, ni ho hazoshika rya jambo ryanditswe, ng’Urupfu rumizwe n’intsinzi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 15:54
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Vyongeye ntibazoba bagipfa, kuko bazoba bameze nk’abamarayika. Ni abana b’Imana, kuko ari abana b’ukuzuka.


Aho gusenga Imana y’icubahiro kandi idapfa, basenga ibishushanyo bibajwe bifise ishuho y’umuntu apfa, iy’inyoni, iy’ibikoko n’iy’ibikwega inda hasi.


Izoha ubugingo budashira abashishikara gukora ivyiza, bakagira umwete mu kurondera ubwiza, icubahiro no kudapfa bitangwa na yo.


Icaha ntikikaganze mu mibiri yanyu izopfa umusi umwe, kandi ntimukumvire ivyipfuzo bibi vy’imibiri yanyu.


Nimba Mpwemu w’Imana yazuye Kristo mu bapfuye aba muri mwebwe, nta kabuza ko Imana izoha imibiri yanyu ipfa ubugingo, biciye muri Mpwemu wayo aba muri mwebwe.


N’aho turi bazima, twama duhakwa kwicwa ku bwa Yesu, kugira ngo ubuzima bwiwe bubonekere mu mibiri yacu ipfa.


Tukiri muri uwu mubiri twambaye, turaboroga, tukaruha, ariko ntibisigura ko twipfuza gupfa ngo tuwuvemwo. Ariko ni kubera twipfuza kwambara imibiri yacu mishasha, kugira ngo iyi mibiri ipfa ihindurwe iyizobaho ibihe vyose.


Kuri uwo musi, azoba aje guhimbazwa n’abera biwe, gutazirwa n’abazoba baramwizeye bose. Muri bo namwe murimwo, kuko mwizeye intahe twabashingiye.


Maze rupfu na kuzimu bitererwa muri ca kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri.


Izobahanagura amosozi yose ku maso yabo. Nta rupfu canke kugandara, nta kurira canke kubabara bizoba bikiriho, kuko ivya kera bizoba bikuweho.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ