Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 15:52 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

52 Bizoba mu kanya isase, nk’uwukubise urugohe, igihe inzamba izovuga. Niyavuga abazoba barapfuye bazoca bazukira kubaho ibihe vyose. Natwe tuzoba tukiri bazima, tuzoca duhindurwa ukundi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

52 mu kanya gato, mu kanya nk’ako gukubita ingohe, ah’ inzamba y’iherezo izovugira. Kukw inzamba izovuga, abapfuye bakazurwa batagishobora kubora, natwe tuzohindurwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 15:52
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Azotuma abamarayika biwe bavuze inzamba isamirane cane, hanyuma begeranye abatoranijwe biwe bose bo mw’isi, kuva aho ijuru ritangurira gushika aho riherera.


Ndababwire ukuri, igihe kiraje kandi kirashitse, aho abapfuye bazokwumva ijwi ry’Umwana w’Imana kandi abazoryumva bazogira ubugingo.


Ibi ntibibatangaze, kuko igihe kiraje aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe,


Ariko hazoba urukurikirane mu kuzuka: Kristo yarazutse nk’ivyeze ubwa mbere; hanyuma abamukurikiye bose bazozuka niyagaruka.


Ni ko bizoba bimeze ku musi w’izuka ry’abapfuye. Uwu mubiri uhambwa ni uwubora, ariko uzozurirwa kubaho ibihe vyose.


Ico ngomba kubabwira bene Data, ni uko uwu mubiri twambaye utazoragwa Ubwami bw’Imana, kandi ibibora vyose ntibizoragwa ibizohoraho.


Dufatiye kw’Ijambo Umwami yivugiye, turababwiye ko natwe abazoba bakiri bazima, dusigaye gushika ku kugaruka kw’Umwami, tutazotanga abamaze gupfa kumusanganira.


Ariko umusi Umwami wacu azogarukirako uzoshika nk’igisuma. Amajuru azozimangana mu kwasana guhambaye cane; ibiri mu kirere bizotongorwa n’umuriro, kandi isi n’ibiri muri yo vyose bizocirwa urubanza.


Ndavye kandi, nca numva inkona igurukira kure mu kirere ivuga n’ijwi rirenga iti: “Baragowe, baragowe, baragowe ababa kw’isi ku bw’ibizoba abamarayika batatu ba nyuma nibavuza inzamba!”


Nca mbona ba bamarayika indwi bahagaze imbere y’Imana bahawe inzamba indwi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ