Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 15:50 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

50 Ico ngomba kubabwira bene Data, ni uko uwu mubiri twambaye utazoragwa Ubwami bw’Imana, kandi ibibora vyose ntibizoragwa ibizohoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

50 Ariko bene Data, ico mvuga n’iki, yukw ab’inyama n’amaraso badashobora kuragwa ubgami bg’Imana, kand’ ibibora bitaragwa ibitabora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 15:50
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu aramwishura ati: “Uri umuhirwe, Simoni mwene Yona, kuko ivyo ntubihishuriwe n’umuntu buntu afise inyama n’amaraso gusa, ariko ni Data wo mw’ijuru abiguhishuriye.


Maze Umwami azobwira abari i buryo bwiwe ati: ‘Nimuze mwebwe abo Data yahezagiye, muragwe Ubwami mwateguriwe uhereye isi ikiremwa.


Izoha ubugingo budashira abashishikara gukora ivyiza, bakagira umwete mu kurondera ubwiza, icubahiro no kudapfa bitangwa na yo.


Ico ngomba kuvuga ni iki: umwe muri mwebwe avuga ngo: “Jewe ndi umwigishwa wa Pawulo”; uwundi na we ati: “Jewe ndi umwigishwa wa Apolo”; uwundi na we ati: “Jewe ndi uwa Kefa”; hakaba n’uwundi avuga ati: “Jeho ndi umwigishwa wa Kristo gusa.”


Ni ko bizoba bimeze ku musi w’izuka ry’abapfuye. Uwu mubiri uhambwa ni uwubora, ariko uzozurirwa kubaho ibihe vyose.


Ihambwa ari imibiri y’abantu nk’uko tuyibona, ariko izozurwa ari imibiri yo mu buryo bw’impwemu. Kuko nk’uko hari imibiri isanzwe, hariho n’imibiri yo mu buryo bw’impwemu.


abasuma, ingunge, imborerwa, abavuga nabi abandi, n’abambuzi ntibazoragwa Ubwami bw’Imana.


Uwundi avuga ati: “Ivyokurya ni ivy’inda, n’inda ni iy’ivyokurya kandi Imana izobirandura vyompi.” Yamara umubiri ntiwaremewe kuganzwa n’ubusambanyi, ariko waremewe kuba uw’Umwami Imana, kandi ni we awitaho.


Mbega ntimuzi ko inkozi z’ibibi zitazoragwa Ubwami bw’Imana? Ntimukibeshe: abihumanisha ibijanye n’ubusambanyi, abasenga ibigirwamana, abasambanyi, abagabo bihindura abagore mu bumaraya, abahuza ibitsina basangiye,


Bene Data, ico ngomba kuvuga ni uko igihe gisigaye ari gito. Uhereye ubu, abafise abagore ntibiteho cane ivy’ingo zabo gusa,


Turazi neza ko iri ihema tubamwo ari wo mubiri wacu niwapfa ugakurwa kuri iyi si tuzoronka inyubakwa iva ku Mana, inzu izokwamaho yo mw’ijuru, itubatswe n’amaboko y’abantu.


Mwibuke bene Data: ababiba bike bimbura bike, kandi ababiba vyinshi bimbura vyinshi.


Ico ngomba kubabwira aha ni iki? Nuko isezerano Imana yagiraniye na Aburahamu ritashoboye gukurwaho n’inyuma y’imyaka amajana ane na mirongo itatu igihe Imana yaha Mose ivyagezwe. Imana yari kuba irenze amasezerano.


Ndababwira nti: Murongorwe na Mpwemu Yera ni ho mutazoshitsa ivyo kamere k’icaha kanyu kipfuza.


Nuko ndababwira ibi kandi ndabihanikiriza mw’izina ry’Umwami: ntimukwiye kuguma mubaho nk’uko Abanyamahanga babaho, mu gukurikiza ivyiyumviro vyabo bitagira ikimazi.


Ndababwiye ivyo kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe abahendesha akarimi gasosa.


Umwami Imana azonkiza ibitero vy’umwansi vyose, kandi azontahukana amahoro mu bwami bwiwe bwo mw’ijuru. Icubahiro kibe iciwe ibihe vyose, Amen.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ