5 kandi ko yiyeretse Kefa, hanyuma yiyereka bamwe cumi na babiri.
5 akiyereka Kefa, maz’ akiyereka bamwe cumi na babiri,
Mu nyuma Yesu yiyereka bamwe cumi n’umwe bariko barasangira. Arabahambarira kubera ukutizera n’ugukomantaza imitima kuko banse kwemera ivyo babwiwe n’abamubonye amaze kuzuka.
Maze aca amuzana aho Yesu ari. Nuko Yesu yihweza Petero, aramubwira ati: “Uri Simoni mwene Yohana, ariko ugiye kwitwa Kefa” (bisigura Petero).
Ntiyabonywe na bose, kiretse twebwe abo Imana yari yaratoranije nk’ivyabona, twasangiye na we amaze kuzuka mu bapfuye.
Ico ngomba kuvuga ni iki: umwe muri mwebwe avuga ngo: “Jewe ndi umwigishwa wa Pawulo”; uwundi na we ati: “Jewe ndi umwigishwa wa Apolo”; uwundi na we ati: “Jewe ndi uwa Kefa”; hakaba n’uwundi avuga ati: “Jeho ndi umwigishwa wa Kristo gusa.”
yaba Pawulo, yaba Apolo, yaba Kefa, yaba isi, yaba ubugingo canke urupfu, yaba ibiriho canke ibizoza, vyose ni ivyanyu,
Mbega sinemerewe kubana n’umugore yizera nk’uko izindi ntumwa, abavukanyi b’Umwami Yesu Kristo na Kefa babigira?