1 Korinto 15:32 - Bibiliya mu Kirundi coroshe32 Nimba naragwanye n’ibikoko vyo mw’ishamba muri Efeso, ata yindi nyungu niteze atari ivyizigiro vyo mu mubiri gusa, nzoba nungutse iki? Kandi nimba ata kuzuka kuriho, nk’uko wa mugani uvuga: “Reka twirire twongere twinywere, kuko ejo tuzopfa.” အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)32 Asangwa narwaniye n’ibikōko muri Efeso, ndi mu buryo bg’abantu gusa, bimmarira iki? Namb’ abapfuye batazurwa, ni twīrīre, twinywere, kukw ejo tuzopfa. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kubera intege nke za kamere muntu mufise, ndiko nkoresha imvugo isanzwe, kugira ngo mushobore kuvyumva. Kera mwari mwaratanze imibiri yanyu ngo ibe ibikoresho vy’ibiterasoni n’umugararizo, kandi ivyo vyatuma murushiriza kuba abagarariji. None rero nimwitange kugira ngo muhinduke abagurano bo kugororoka, maze mushobore kuba abera.