Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 15:31 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

31 Bene Data, ndababwije ukuri ko mpakwa kwicwa ku musi ku musi. Ibi ni ukuri nk’uko munezero mfise kubera ivyo Umwami wacu Yesu Kristo yakoze muri mwebwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Uko bukeye ndapfa, indahiro ndahiye ni mwebge vyirato vyanje, ivyo mfise muri Kristo Yesu Umwami wacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 15:31
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ico nzi gusa ni uko, mu bisagara vyose ncamwo, Mpwemu Yera aguma amburira ko umunyororo n’amakuba bindindiriye.


Nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Kubera wewe, twama tugeramiwe n’urupfu umwanya wose; dufatwa nk’intama zijanywe kubagwa.”


Iki ni co twishimira: nk’uko umutima wacu ubishingira intahe, twigenjeje neza mw’isi, na canecane muri mwebwe, mu kwezwa no mu kuri biva ku Mana, turongowe n’ubuntu bw’Imana, atari ubwenge bw’abantu.


Mbega ni abakozi ba Kristo? (Nataye ubwenge kubona ndiko mvuga uku) Ndabaruta. Nakoze cane kubasumvya, nashizwe mw’ibohero kenshi, nakubiswe kenshi katoharurwa, nahatswe gupfa kenshi.


Ariko Imana ishimwe, yo yatugize imbohe zayo, ikaguma iturongora ubudasiba mu kwigina intsinzi ya Yesu. Iciye kuri twebwe, imenyekanisha Kristo kuri bose nk’umubavu umota neza.


Kuko, twebwe dusengera Imana muri Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, kandi ntitwishimire ivy’umubiri, ni twebwe twakebwe vy’ukuri.


Mbega ikidutera ivyizigiro n’umunezero canke igitsibo tuzokwirata imbere y’Umwami wacu Yesu Kristo igihe azozira ni ikihe? Si mwebwe?


Mbega ni gute twoshimira Imana bikwiye umunezero dufise ku bwanyu?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ