Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 15:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Inyuma y’aho hazoca haza umuhero wa vyose, aho azotanga Ubwami akabushikiriza Imana Data, amaze gusangangura ububasha bwose, ubutware bwose n’ubushobozi bwose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 iherezo rizoca rishika, ah’ azoshikiriza Imana ubgami, ni yo Data wa twese, ni yamara gukūrah’ ubukuru bgose, n’ububasha bgose, n’ubushobozi bgose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 15:24
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muzokwankwa n’abantu bose babampora. Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azokira.


Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.


Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azorokoka.


Maze Yesu arabegera, ababwira ati: “Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi.


Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.”


Yesu yari azi ko Se yamuhaye ububasha ku bintu vyose. Yari azi ko yaje ava ku Mana kandi ko yagira asubireyo.


Se arakunda Umwana kandi yamuhaye kuganza vyose.


Kandi ndizera neza ntakekeranya ko ata kintu na kimwe codutandukanya n’urukundo rw’Imana. Nta rupfu canke ubugingo, nta bamarayika canke abatware, nta biriho canke ibizoza, nta bushobozi na bumwe,


mushimira vyose Imana Data imisi yose, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo.


Kandi mwahawe ukunengesera muri Kristo, we mutwe w’ubukuru bwose n’ukuganza kwose.


Yambuye ibigwanisho abakuru n’abatware, abateterereza ahabona mu maso ya bose, abaneshesheje uwo musaraba.


Kuko igihe gikwiye kigeze, Kristo azohishurwa avuye mw’ijuru, ahishuwe n’Imana nyaguhezagirwa, Imana nyene inganji, Umwami w’abami kandi Uwuganza abatware.


Umuhero wa vyose uri hafi. Ku bw’ivyo, mukwiye kubaho mwirinda kandi mugavye kugira ngo mushobore gusenga.


kandi muzohabwa ikaze ikomeye cane mu bwami budashira bw’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ