Nimba Mpwemu w’Imana yazuye Kristo mu bapfuye aba muri mwebwe, nta kabuza ko Imana izoha imibiri yanyu ipfa ubugingo, biciye muri Mpwemu wayo aba muri mwebwe.
Kandi ikirengeye ivyo, twebwe intumwa twoba tubeshera Imana, kuko twama dushinga intahe ko Imana yazuye Kristo mu bapfuye. Ariko nimba Imana itamuzuye mu bapfuye, koko nta zuka ry’abapfuye rihari.
Nimba ata zuka ririho, none abo babatizwa mu kibanza c’abapfuye babigira biteze iki? Nimba abapfuye batazozuka, ni kubera iki hari ababatizwa mu kibanza cabo?