Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 15:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Nimba ata zuka ry’abapfuye rihari, na Kristo rero ntiyazutse.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Asangw’ ata wuzuka, na Kristo ntarakazuka:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 15:13
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mu bisanzwe, Abasadukayo bavuga ko ata kuzuka, ata bamarayika canke impwemu bibaho, ariko Abafarisayo bo bemera ko ivyo vyose bibaho.


Nimba Mpwemu w’Imana yazuye Kristo mu bapfuye aba muri mwebwe, nta kabuza ko Imana izoha imibiri yanyu ipfa ubugingo, biciye muri Mpwemu wayo aba muri mwebwe.


Ariko si vyo vyonyene biniha; natwe abizera, naho dufise Mpwemu Yera muri twebwe nk’ivyeze ubwa mbere vy’ubwiza tuzohabwa, turaniha mu mitima yacu kuko turindiranye igishika kugirwa abana b’Imana bwegu, ari kwo gucungurwa kw’imibiri yacu.


None rero nimba twigisha ko Kristo yazutse mu bapfuye, ni kubera iki bamwe muri mwebwe bavuga ko ata zuka ry’abapfuye rihari?


Kandi nimba Kristo atazutse, inyigisho zacu ni iz’ubusa, kandi n’ukwizera kwanyu ni ukw’ubusa.


Ariko koko Kristo yarazutse mu bapfuye, maze, nk’ivyeze ubwa mbere, aba icemeza ko abapfuye bazozuka.


Uko twizera ko Yesu yapfuye hanyuma akazuka, ni ko twizera ko Imana imugarukanye azoza azananye n’abasinziriye muri we.


Ubu ndindiriye umudari wo kugororoka, uwo Umwami Imana, we mucamanza agororotse, azompa kuri uwo musi. Kandi ntazowuha jewe jenyene, azowuha n’abarindiranye igishika uguhishurwa kwiwe.


Imana y’amahoro, yazuye Umwami wacu Yesu Kristo mu bapfuye, we mwungere mukuru w’intama yashizeho isezerano ridashira biciye mu maraso yiwe,


Abo bana hari ikintu basangiye: bose ni abantu. Yesu na we ubwiwe yahindutse umuntu nka bo kugira ngo, biciye mu rupfu rwiwe, amare inkomezi uwari afise ububasha bw’urupfu, ari we Satani.


Amashimwe yose abe ay’Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, kuko ku bw’imbabazi zayo nyinshi, yaduhaye kuvuka ubwa kabiri, mu kuzura Yesu Kristo mu bapfuye. Ubu dufise ivyizigiro bizima


Ndi Uwuriho; nari narapfuye none ndi muzima ibihe vyose. Kandi mfise urupfunguruzo rw’urupfu na kuzimu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ