Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 15:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ubu na ho bene Data, nagomba kubibutsa Ubutumwa Bwiza nababwiye, ubwo mwakiriye mukabugumamwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Bene Data, ndabamenyesha ubutumwa bgiza, ubgo nababariye, namwe mukabgākīra, kandi mukabuhagararamwo,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 15:1
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko uwutanyakiriye akanka n’amajambo yanje azotsindwa n’urubanza; amajambo nababwiye ni yo azomutsindisha ku musi wa nyuma.


Intumwa n’abandi bizera b’i Yudaya bumva ko Abanyamahanga na bo bakiriye ijambo ry’Imana.


Nuko abizeye ayo majambo ya Petero barabatizwa, abashika ibihumbi bitatu biyongera ku gitigiri c’abizera.


Ukwo ni ukuri. Ariko wibuke ko ayo mashami yaciwe kubera ukutizera, kandi nawe uhagumijwe n’ukwizera. Rero, ntiwishime ahubwo utinye.


Nuko rero, ubu ni bwo Butumwa Bwiza mvuga: umusi uraje, aho Imana izocira imanza ivyo abantu bagize amabanga yabo, ibicishije kuri Yesu Kristo.


Tumaze kumwizera; Kristo yadushikanye muri ubu buntu turimwo, kandi dufise umunezero no kwizigira ko tuzosangira na we ubwiza bw’Imana.


Mube maso, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire umwete, mugire umutima rugabo.


Jewe nabivye imbuto, Apolo na we arazivomera, ariko Imana ni yo yazikujije.


Kuko naho mufise abarezi ibihumbi cumi muri Kristo, ntimufise ba so benshi, kuko ni jewe nabavyaje Ubutumwa Bwiza muri Kristo Yesu.


Ariko ibi ntibisigura ko tugomba kubaremera tubabwira ngo mushire ukwizera kwanyu mu ngiro. Dushaka gukorera hamwe namwe kugira ngo umunezero wanyu wuzuzwe, kuko ukwizera kwanyu ni kwo kuzotuma mushikama.


Mwaratwiganye mwongera mwigana Umwami, kuko mwakiriye Ubutumwa n’umunezero uva kuri Mpwemu Yera, naho mwari mu mibabaro myinshi.


Turashima Imana kandi ko igihe mwakira ijambo ry’Imana mwatwumvanye, mutaryakiriye nk’amajambo asanzwe y’abantu, ariko mwaryakiriye nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko. Kandi iryo Jambo ni ryo ribandanya gukorera muri mwebwe abizera.


Bene Data, twarababwiye uko mukwiye kwigenza kugira ngo munezereze Imana, kanatsinda ni ko mubayeho. Ubu naho turabasaba tubinginga mw’izina ry’Umwami Yesu ngo murushirize.


Bene Data, turabageze mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ngo mwirinde uwitwa mwene Data wese mugabo w’ikinebwe, atagendera mu nyigisho twabahaye.


Iri kete rigufi ndaryanditse mfashijwe na Silasi, uwo mfata nka mwene Data w’umwizigirwa, kugira ngo ndabatere intege kandi ndabamenyeshe ko ivyo muriko muracamwo ari ubuntu bw’Imana bw’ukuri. Nuko muhagarare mushikamye muri ubwo buntu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ