Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 14:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Bene Data, mbega iyo nza iwanyu mvuga mu ndimi, nari kubamarira iki ntabazaniye ivyo nahishuriwe, amajambo y’ubwenge, ubuvugishwa canke inyigisho?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ariko none, bene Data, ni naza i wanyu mvuga indimi zitamenyekana, nzobamarira iki, ni ntababarira ivyo mpishuriwe, cank’ ivyo mpawe kumenya, canke kuvugishwa n’Imana, canke kwigisha?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 14:6
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwo mwanya Yesu aravuga ati: “Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abigira abanyabwenge n’abahinga, ukabihishurira abameze nk’abana bato.


Yesu aramwishura ati: “Uri umuhirwe, Simoni mwene Yona, kuko ivyo ntubihishuriwe n’umuntu buntu afise inyama n’amaraso gusa, ariko ni Data wo mw’ijuru abiguhishuriye.


Mbega umuntu vyomumarira iki yungutse ivyo mw’isi vyose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe? Canke umuntu yotanga iki kugira ngo acungure ubugingo bwiwe?


Maze abizera bose bashira imitima ku vyo intumwa zigisha, gusangira ivyabo, kumanyagura imikate, no gusenga.


Bene Data, jewe ubwanje ndazi neza ntakekeranya ko mwuzuye ineza n’ubumenyi bwose kandi ko mushoboye kwigishanya.


Bene Data, ndabinginga ngo mwirinde ababigisha inyigisho zo kubacanishamwo no kuzimiza abizera zitandukanye n’izo mwigishijwe. Abameze gutyo mubigireyo.


Ariko, Imana ishimwe, kuko naho mwigeze kuba abagurano b’icaha, ubu mwarumviye n’imitima yanyu yose ukuri kuri mu nyigisho mwakiriye.


Na jewe ngerageza kunezereza bose mu vyo nkora vyose. Simpfa gukora ibimpimbara, ariko nkora ibihimbara abandi kugira benshi bashike ku gakiza.


Murondere kugira urukundo kandi mwipfuze cane kuronka ingabire za Mpwemu, na canecane ingabire y’ukuvugishwa n’Imana.


Ni ko bimeze no ku bicurarangisho bisanzwe bitagira ubuzima, nk’umwironge canke inanga. Mbega bivuze co kimwe, hari uwoshobora kumenya ikivugijwe?


Nshobora kuba ntari imvuzi ariko simbuze ubumenyi, kandi ivyo twarabiberetse neza mu buryo bwose.


Birabereye ko mbandanya nirata naho ata co bimaze. Ariko ubu reka ndababwire ivyo neretswe kandi namenyeshejwe n’Umwami.


Kugira ngo sinishire hejuru ku bw’ivyo neretswe vy’akaburarugero, nashizwemwo ingwara ibabaza kandi idakira mu mubiri, intumwa ya Satani yo kunsubiza hasi kugira ngo noye kwishira hejuru.


Nsaba Imana yo nyene icubahiro cose, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, Data w’ubwiza buhebuje, ngo abahe Mpwemu w’ubwenge no guhishurirwa, kugira ngo murushirize kumumenya.


Nimwasoma ibi rero, muzoshobora gutahura uguhishurirwa mfise kw’iryo banga rya Kristo,


Abakuze mu kwizera twese twiyumvire dutyo. Nihagira ico tutumva co kimwe, Imana izokibatahuza.


Ibi uzokwame ivyibutsa abantu, ubihanikiririza mu nyonga z’Imana ngo bareke guharirira ku majambo, kuko ata kimazi bifise, kandi bishobora kugwisha abavyumva.


Ariko wewe urazi ivyo nigisha n’ukuntu nigenza, n’igituma nkora ivyo nkora. Urazi ukwizera kwanje n’ukwihangana kwanje, urukundo rwanje n’ugushikama kwanje.


Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana kandi bifise akamaro ko kwigisha ukuri, guhambarira abari mu bibi, gusubiza mu nzira nziza, no gutoza indero nziza mu bugororotsi,


wigishe Ijambo ry’Imana. Wame witeguye mu gihe kibereye n’ikitabereye; wemeze abantu ukuri, uhambarire abari mu bibi, wongere ubaremeshe mu kwihangana kwinshi no mu kwigisha neza.


Iri jambo ni iryo kwizigirwa, kandi ndashaka ko ushimikira kuri izi nyigisho kugira ngo abizigiye Imana bose babone kwiyegurira gukora ivyiza. Izo nyigisho ni nziza, zigirira akamaro uwuzumva wese.


Ntimukemere kuzimizwa n’inyigisho z’ivyaduka z’uburyo bwose. Inkomezi z’imitima yanyu ziva mu buntu bw’Imana, ntiziva mu mategeko ajanye n’ivyokurya, kuko bidashobora gufasha ababikurikiza.


Kubera iyo mvo nyene, mugire umwete kugira ngo ku kwizera kwanyu mwongereko ingeso nziza, ku ngeso nziza mwongereko ubumenyi;


Ariko mukurire mu buntu no mu kumenya neza Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo. Icubahiro kibe iciwe uhereye ubu n’ibihe bidashira! Amen.


Umuntu wese azimira akava mu nyigisho za Kristo nta bucuti afitaniye n’Imana. Ariko umuntu wese aguma mu nyigisho za Kristo afitaniye ubucuti na Data n’Umwana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ