Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 14:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Uwuvuga mu ndimi zitamenyekana aba ariko ariyubaka we nyene, ariko uwuvugishwa n’Imana aba ariko arubaka ishengero.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ūvuga ururimi rutamenyekana ariyubaka, arik’ ūvugishwa n’Imana yubaka ishengero.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 14:4
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi ibi ni vyo bimenyetso bizoboneka ku bizera: bazokwirukana abadayimoni mw’izina ryanje, bazovuga indimi nshasha,


None rero, muze turonderane umwete kubana amahoro no gukomezanya hagati yacu.


abandi abaha ububasha bwo gukora ibitangaza, abandi abaha kuvugishwa n’Imana, abandi abaha gusesangura impwemu, abandi abaha kuvuga mu ndimi, abandi na bo abaha kuzisigura.


Ibi ni vyo bihimba vy’umubiri Imana yashize mw’ishengero: hari intumwa, abavugishwa n’Imana, abigisha, abakora ibitangaza, abafise ingabire zo gukiza ingwara, abafise ingabire zo gufasha abandi, abafise ingabire z’uburongozi, n’abavuga indimi zitandukanye.


Naho novuga mu ndimi z’abantu n’iz’abamarayika ntagira urukundo, noba meze nk’inkengeri canke icuma gisamirana.


Naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkagira ukwizera kwokwimura imisozi ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa.


Na mwebwe ni uko. Ko mufise umwete wo kurondera ingabire za Mpwemu, mukore ibishoboka kugira muronke ingabire zubaka ishengero.


Indimi zitamenyekana rero ni ikimenyetso ku batizera, si ku bizera. Ariko ubuvugishwa ntibuhari ku neza y’abizera, ni ku y’abatizera.


Muri make rero bene Data, iyo mukoraniye hamwe, hazoba uwuririmba, uwundi yigishe, uwundi avuge ico Imana yamuhishuriye, uwundi avuge mu ndimi zitamenyekana, uwundi na we azisobanure. Ariko vyose bikorwe ku buryo bibubaka mwese.


Ariko uwuvugishwa n’Imana aba ariko arabwira abantu kugira ngo bakomezwe, baterwe intege bongere birurwe.


Vyobaye vyiza mwese muvuze mu ndimi, ariko ikirengeye ni uko mwovugishwa n’Imana. Uwuvugishwa n’Imana arahambaye gusumba uwuvuga mu ndimi, kiretse mu gihe yoba ashobora kuzisobanura kugira ishengero ryose rikomezwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ