38 Uwutavyemera, na we ntazokwemerwa.
38 Ariko, namba har’ umuntu atabimenye, ntakabimenye.
Nimubihoze; ni impumyi zirongora izindi! Kandi iyo impumyi irongoye iyindi, zompi zigwa mu kinogo.”
Ntimugahe ivyera vy’Imana imbwa, kandi ivy’agaciro kanini vyanyu, ntimukabiterere ingurube, kuko zohava zibihonyanga, hanyuma zikabahindukirira zikabatabagura.
Nimba muri mwebwe hari uwibwira ko ari umuvugishwa n’Imana canke afise ingabire za Mpwemu Yera, akwiye kwemera ko ivyo ndabandikiye ari ibwirizwa rivuye ku Mwami Imana.
None rero bene Data, mwipfuze kuvugishwa n’Imana, kandi ntimubuze abavugishwa n’Imana mu ndimi zitamenyekana.