Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 14:34 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Abagore bazogume banumye mw’ishengero. Ntibemerewe kuvuga, ahubwo bicishe bugufi nk’uko ivyagezwe bivuga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 abagore bacereze mw ishengero, kuko batemererwa kuvuga. Ariko baganzwe, nk’ukw ivyagezwe na vyo bivuga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 14:34
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nabe ari mwebwe nyene mwicira urubanza: Mbega birabereye ko umugore asenga Imana adatwikiriye umutwe wiwe?


Ariko hari ico mukwiye kumenya: umutwe w’umugabo ni Kristo, umutwe w’umugore ni umugabo wiwe, umutwe wa Kristo na wo ni Imana,


Ariko umugore asenga canke akavugishwa n’Imana adatwikiriye umutwe wiwe aba asuzuguje umutwe wiwe, co kimwe n’iyo yiharanguje.


Mu vyagezwe haranditswe ngo: “Nzobwira abantu banje mu ndimi zitazwi, nkoresheje akanwa ka ba kavantara. Ariko na ho nyene, ntibazonyumvira.” Ni ko Umwami Imana avuze.


Bafise ico babaza, bazokibarize abagabo babo i muhira. Kuko bitabereye ko umugore avuga mu makoraniro y’ishengero.


Rero, umwe wese muri mwebwe akunde umugore wiwe nk’uko yikunda, kandi umugore na we yubahe umugabo wiwe.


Bagore, mwumvire abagabo banyu, nk’uko bibereye ab’Umwami wacu.


kuganza ingeso zabo kandi babe abatanduye, biteho ivy’ingo zabo, bagire ubugwaneza, bubahe abagabo babo, kugira ngo ntibatukishe ijambo ry’Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ