32 Abavugishwa n’Imana bategerezwa kuganza impwemu zabo, bagakuranwa kuvuga,
32 Impwemu z’abavugishwa n’Imana ziganzwa na bo:
Mw’ishengero ryo muri Antiyokiya hari abavugishwa n’Imana n’abigisha ari bo Baranaba, Simeyoni bita Mwirabure, Lukiyo Umunyakurene, Manayeni yari yakuranye na Herode Antipa, hamwe na Sawuli.
Abavugishwa n’Imana bose bazokuranwa kuvuga, umwe avuge uwundi ahejeje, kugira mugire ico mutahuye hanyuma muterwe intege.
kuko Imana yacu atari Imana y’akajagari, ariko ari Imana y’amahoro, nk’uko bigenda mu mashengero yose y’abera.
turabinginze ngo ntimunyiganyige canke ngo muhagarike imitima kubera inyigisho womenga zivuye kuri twebwe (vyaba biciye mu buryo bwo kuvugishwa, canke amajambo canke ikete) zibabwira ko umusi w’Umwami wacu umaze gushika.
Bakundwa, ntimukizere abantu bose avuga ko bavugishwa. Ariko mubageze kugira ngo murabe ko impwemu ibakoresha iva ku Mana. Kuko hari abavugishwa b’ibinyoma benshi bakwiragiye mw’isi.
Wa mumarayika arambarira ati: “Aya majambo ni ay’ukwizerwa kandi ni ay’ukuri. Umwami, Imana iganza impwemu z’abavugishwa, yarungitse umumarayika wayo kwereka abasavyi bayo ibigiye kuzoshika.”