Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 14:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ariko uwuvugishwa n’Imana aba ariko arabwira abantu kugira ngo bakomezwe, baterwe intege bongere birurwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Arik’ ūvugishwa n’Imana, abarira abantu ivyo kubakomeza n’ivyo kubahanūra n’ivyo kubirura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 14:3
42 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Yohana abandanya abwira abantu Ubutumwa Bwiza burimwo amajambo menshi yo kubatera intege.


Ibitabu vy’ivyagezwe n’ivy’abavugishwa n’Imana bihejeje gusomwa, abakuru b’isinagogi baca batuma umuntu ababaza ati: “Bene Data, nimwaba mufise ijambo ryo gutera intege ishengero, nimuhaguruke mwigishe.”


binginga abigishwa ngo bagume bahagaze mu kwizera. Bababwira bati: “Dutegerezwa guca mu bitubabaza vyinshi kugira twinjire mu Bwami bw’Imana.”


Yuda na Silasi, bari basanzwe ari abavugishwa n’Imana, bongera bababwira amajambo menshi yo kubatera intege no kubakomeza.


Nk’akarorero, Yosefu, Umulewi yava i Kupuro, uwo intumwa zita Baranaba (risobanura ngo Umuntu yirura),


Mu nyuma ishengero ry’i Yudaya, i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro, rirakomera, rigendera mu kwubaha Umwami Imana, ryongera riragwira ryiruwe na Mpwemu Yera.


Nimba wahawe ingabire yo gutera intege abandi, ube uwutera intege koko. Nimba wahawe ingabire yo gutanga, tangana umutima ubikunze. Nimba wahawe kurongora abandi, ubikorane umwete. Nimba wahawe ingabire yo kugira impuhwe, uzigire unezerewe.


None rero, muze turonderane umwete kubana amahoro no gukomezanya hagati yacu.


Dukwiye gufasha bagenzi bacu gukora ibibereye mu ntumbero yo kubafasha gukura mu kwizera.


Muvuga muti: “Vyose turavyemerewe,” yamara si vyose bigira ikimazi. Muvuga muti: “Vyose turavyemerewe,” yamara si vyose vyubaka.


Na mwebwe ni uko. Ko mufise umwete wo kurondera ingabire za Mpwemu, mukore ibishoboka kugira muronke ingabire zubaka ishengero.


Mushobora kuba muriko murashima Imana cane, ariko ntibizofasha abariko barabumva.


Muri make rero bene Data, iyo mukoraniye hamwe, hazoba uwuririmba, uwundi yigishe, uwundi avuge ico Imana yamuhishuriye, uwundi avuge mu ndimi zitamenyekana, uwundi na we azisobanure. Ariko vyose bikorwe ku buryo bibubaka mwese.


Abavugishwa n’Imana bose bazokuranwa kuvuga, umwe avuge uwundi ahejeje, kugira mugire ico mutahuye hanyuma muterwe intege.


Ku bijanye n’ivyashikaniwe ibigirwamana, ndazi ko twese dufise ico tubiziko. Ariko ubumenyi butuma umuntu yishira hejuru; urukundo ni rwo rwubaka.


we aduha ukwirurwa mu bihe vy’imibabaro kugira ngo natwe twiruze abandi ukwirurwa twahawe n’Imana.


Ni co gituma ubu hageze ko mumuharira, mukamwirura, ahandi ho umubabaro womuca intege.


Ntihakagire ijambo ribi riva mu kanwa kanyu, ariko iryo muvuze ryose, rize ribe ryiza kandi ryubaka abandi mu bijanye n’ivyo bakeneye, ryongere ribe irihesha ubuntu ababumva.


Ni muri iyo ntumbero ndamubarungikiye, kugira ngo mumenye uko tumerewe yongere aremeshe imitima yanyu.


Ni muri iyo ntumbero ndamubarungikiye, kugira ngo mumenye uko tumerewe yongere aremeshe imitima yanyu.


Murazi ingene twafata umwe umwe wese muri mwebwe nk’uko umuvyeyi afata abana biwe.


Kubatera intege kwacu ntikwava ku buzimire canke ku ntumbero mbi twari dufise, kandi ntitwarondera kubahenda.


duca tubarungikira Timoteyo ngo abagendere. Ni mwene Data akorera Imana hamwe natwe mu kuvuga Ubutumwa Bwiza bwa Kristo. Tumurungitse kugira ngo abakomeze, yongere abaremeshe mu kwizera kwanyu,


Bene Data, twarababwiye uko mukwiye kwigenza kugira ngo munezereze Imana, kanatsinda ni ko mubayeho. Ubu naho turabasaba tubinginga mw’izina ry’Umwami Yesu ngo murushirize.


Abo bantu turabategetse tubinginga mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo ngo bame bakora kugira ngo babone kwibeshaho.


canke ngo bateshe umwanya abantu mu vy’imigani myinshi n’urukurikirane rudahera rwa ba sekuruza. Ivyo bizana impari, aho gufasha mu gikorwa c’Imana co gukiza, ico tumenya mu kwizera.


Mu kurindira ko ndagushikira, wiyegurire gusomera abantu Ivyanditswe, kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha.


Na yo ku bafise ba shebuja bizera Imana, nta mvo n’imwe yo kutabubaha kuko ari bene Se. Ahubwo bakwiye kurushirizaho kubakorera neza, kuko ivyo bakora bifasha abizera b’abakundwa. Ivyo bibe ari vyo uzohimiriza abantu.


wigishe Ijambo ry’Imana. Wame witeguye mu gihe kibereye n’ikitabereye; wemeze abantu ukuri, uhambarire abari mu bibi, wongere ubaremeshe mu kwihangana kwinshi no mu kwigisha neza.


Ategerezwa kuba uwuzigama neza ijambo ry’ukwizera yigishijwe, kugira ngo ashobore kuremesha abandi mu vyizerwa vy’ukuri, no gutsinda abamuhaririza.


Ivyo ni vyo ukwiye kwigisha abizera. Ubahimiririze kubikora kandi ukosore abatabikora, kandi ubigire mu mubasha wahawe bwose. Ntukemerere umuntu n’umwe kugusuzugura.


Abakiri bato na bo ubahimiririze kuganza ingeso zabo.


Wigishe abagurano kwubaha ba shebuja muri vyose, barondere kubanezereza muri vyose, birinde kubahaririza,


Kandi ntiduhebe gukoranira hamwe, nk’uko bamwe babigira, ahubwo duterane intege, na canecane ubu mubona ko umusi wo kugaruka kwiwe wegereje.


Ndabinginga bene Data, mushire umutima kuri aya majambo yo kubatera intege, kuko iri kete nanditse si rirerire.


Ahubwo, muhanurane imisi yose, tugishobora kuvuga “uwu musi,” kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe akomantazwa no guhendwa n’icaha.


Iri kete rigufi ndaryanditse mfashijwe na Silasi, uwo mfata nka mwene Data w’umwizigirwa, kugira ngo ndabatere intege kandi ndabamenyeshe ko ivyo muriko muracamwo ari ubuntu bw’Imana bw’ukuri. Nuko muhagarare mushikamye muri ubwo buntu.


Ariko mweho, bakundwa, mwiyubake mu kwizera kwanyu kwera cane kandi musengere muri Mpwemu Yera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ