Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 14:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Muri make rero bene Data, iyo mukoraniye hamwe, hazoba uwuririmba, uwundi yigishe, uwundi avuge ico Imana yamuhishuriye, uwundi avuge mu ndimi zitamenyekana, uwundi na we azisobanure. Ariko vyose bikorwe ku buryo bibubaka mwese.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Ni bite ga bene Data? Iyo mukoranye, umuntu wese aba afise indirimbo, cank’ amajambo yo kwigisha, cank’ amajambo ahishuriwe, cank’ ururimi rutamenyekana, cank’ amajambo yo kurusobanura. Vyose bikorwe kugira ngw abantu bakomezwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 14:26
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bene Data, nshaka ko mumenya ko nagerageje kenshi kuza kubaramutsa, ariko ko bitarankundira kugeza ubu. Ngomba gukorana namwe kugira ngo ndonke ivyamwa vyo mu buryo bw’impwemu, nk’uko maze kubibona mu bandi Banyamahanga.


Nimba ingabire yawe ari ugufasha abandi, ubikore neza. Nimba ingabire yawe ari ukwigisha, igisha neza.


None rero, muze turonderane umwete kubana amahoro no gukomezanya hagati yacu.


Dukwiye gufasha bagenzi bacu gukora ibibereye mu ntumbero yo kubafasha gukura mu kwizera.


None ndabigenze gute? Nzosengesha impwemu yanje, ariko nzosengesha n’ubwenge. Nzoririmbisha impwemu yanje, ariko kandi nzoririmbisha n’ubwenge bwanje.


Uwuvuga mu ndimi zitamenyekana ntaba ariko arabwira abantu ahubwo aba ariko arabwira Imana, kandi nta n’uwushobora kumutahura. Impwemu yiwe iba iriko iravuga amabanga.


Abantu nka babiri canke batatu gusa abe ari bo bavuga mu ndimi zitamenyekana kandi havuge umwe umwe, hongere habeho uwuzisobanura.


Ariko vyose bikorwe mu buryo bubereye, kandi mu rutonde.


Mbega mwibaza ko ibi tubivuga mu kubisigurako? Twamye tuvugira imbere y’Imana nk’abari muri Kristo Yesu. Kandi ivyo dukora vyose ga bakundwa, ni ukugira mukomere mu kwizera.


Ni co gituma ndabandikira ibi tutari kumwe, kugira ngo ninaza sinze ndabakarire mu bubasha nahawe n’Umwami, kuko ari ububasha bwo kubakomeza atari ubwo kubasambura.


kugira ngo bashobore kwigisha abera na bo bakore igikorwa ciwe, bubake ishengero ari ryo mubiri wa Kristo.


Ni we atuma umubiri wose ukomera ugafatanywa neza n’ingingo zawo, ugakura neza kandi ukubakwa mu rukundo, mu gihe urugingo rwose rukoze igikorwa carwo.


Ntihakagire ijambo ribi riva mu kanwa kanyu, ariko iryo muvuze ryose, rize ribe ryiza kandi ryubaka abandi mu bijanye n’ivyo bakeneye, ryongere ribe irihesha ubuntu ababumva.


mubwirane amazaburi n’indirimbo, zo guhimbaza ziva kuri Mpwemu. Muririmbe kandi mucurarangire Umwami bivuye mu mitima yanyu,


None rero muremeshanye mwongere mukuzanye, nk’uko musanzwe muriko murabikora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ