Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 14:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Nimwaba muriko muratazira Imana n’impwemu zanyu zonyene, abatabitahura bokwifatanya namwe gute, bakavuga “Amen” ku bw’amashimwe yanyu, kandi batumva ivyo muvuga?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Iy’ ushimye Imana, ushimishije impwemu yawe yonyene, mbeg’ ūri ku ruhande rw’abatungu yoshobora ate kuvuga, ati Amen, ni waheza gushima, kand’ atamenye ic’ uvuze?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 14:16
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma afata ya mikate indwi na twa dufi, abishimira Imana, arabimanyagura, hanyuma abiha abigishwa biwe na bo babigaburira ba bantu.


mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi.”


Ntudutererane ibitugerageza, uhubwo udukize wa mubi. [Kuko Ubwami, ubushobozi n’ubwiza ari ivyawe ibihe vyose. Amen.]


Hanyuma abigishwa baca baja mu mihingo yose bavuga Ubutumwa Bwiza, kandi Umwami Yesu akorana na bo, ashingira intahe Ijambo ryiwe biciye mu bitangaza vyarikurikira.]


Yesu yarakoze n’ibindi bintu vyinshi. Iyo vyose vyandikwa, nibaza ko n’isi yose itokwiwemwo ibitabu vyokwanditswe.


Abayuda bamwumvise baratangara, barabaza bati: “Uwo mugabo azi vyinshi cane kandi atize. Ivyo bishoboka gute?”


Babonye ubushizi bw’amanga bwari muri Petero na Yohana, bakamenya ko batize, ahubwo ko ari abantu batobato, baratangara cane, ariko bamenya ko bagendanye na Yesu.


awushimira Imana, arawumanyura, avuga ati: “Uwu ni umubiri wanje watanzwe ku bwanyu. Muzohore mubikora mu kunyibuka.”


Kuko iyo nsenga mu ndimi zitamenyekana, impwemu yanje ni yo iba iriko irasenga, ariko simba ndiko nkoresha ubwenge bwanje.


Uwuvuga mu ndimi zitamenyekana ntaba ariko arabwira abantu ahubwo aba ariko arabwira Imana, kandi nta n’uwushobora kumutahura. Impwemu yiwe iba iriko iravuga amabanga.


Kuko amasezerano Imana yatanze yose ni “Egome” muri Kristo Yesu. Kandi muri we “Amen” tuvuga bisigura ngo “Egome” iraduga igahesha Imana icubahiro,


Uwushingira intahe ibi aravuga ati: “Egome, ndaza vuba.” Amen. Kaze Mwami Yesu.


Vya binyabugingo bine bica bivuga biti: “Amen,” ba bashingantahe na bo baca bikubita hasi, barahimbaza.


bavuga bati: “Amen! Guhimbazwa, ubwiza, ubwenge, amashimwe, icubahiro, ububasha n’inkomezi, bibe ivy’Imana yacu ibihe vyose. Amen!”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ