Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 14:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ni co gituma nimba hari uwuvuga mu ndimi zitamenyekana yari akwiye gusenga Imana ngo imushoboze gusobanura ivyo avuga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Nuk’ ūvuga ururimi rutamenyekana asenge, kugira ngw ahabge kubisobanura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 14:13
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni co gituma ndababwira ko ico muzosaba cose mu gusenga, mukwiye kwizera ko mwamaze kukironka, kandi Imana izokibaha.


Bose bakoranira hamwe bahuje umutima n’inama mu masengesho, bari kumwe na Mariya nyina wa Yesu n’abandi bagore, hamwe na bene nyina ba Yesu.


Bashitseyo, baca barabasengera kugira ngo baronke Mpwemu Yera,


abandi abaha ububasha bwo gukora ibitangaza, abandi abaha kuvugishwa n’Imana, abandi abaha gusesangura impwemu, abandi abaha kuvuga mu ndimi, abandi na bo abaha kuzisigura.


Bose ntibafise ingabire zo gukiza ingwara, ntibavuga mu ndimi zitamenyekana, kandi bose ntibasobanura indimi.


Na mwebwe ni uko. Ko mufise umwete wo kurondera ingabire za Mpwemu, mukore ibishoboka kugira muronke ingabire zubaka ishengero.


Kuko iyo nsenga mu ndimi zitamenyekana, impwemu yanje ni yo iba iriko irasenga, ariko simba ndiko nkoresha ubwenge bwanje.


Muri make rero bene Data, iyo mukoraniye hamwe, hazoba uwuririmba, uwundi yigishe, uwundi avuge ico Imana yamuhishuriye, uwundi avuge mu ndimi zitamenyekana, uwundi na we azisobanure. Ariko vyose bikorwe ku buryo bibubaka mwese.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ