Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 13:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ubwenge dufise ubu ni agace, kandi n’ukuvugishwa n’Imana kwacu kwerekana agace.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kuko tuzi agace, kandi tuvugishwa n’Imana agace,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 13:9
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.


“Ni nde yigeze amenya ivyiyumviro vy’Uhoraho? Canke ni nde yayibereye umujenama?”


Ariko igihe kizogera aho vyose bizokwuzuzwa, maze ivy’ibice bikazokurwaho.


Ivyo tubona ubu ni nk’ivyijiji mu cirore, ariko hazogera igihe tuzobona neza vyose amaso mu yandi. Ubu tuzi agace, ariko hari igihe tuzomenya vyose, nk’uko Imana ituzi neza.


Ivyanditswe bivuga biti: “Ivyo amaso atigeze abona, ivyo amatwi atigeze yumva, n’ivyo ubwenge butigeze bwiyumvira, ni vyo Imana yateguriye abayikunda.”


Iyo umuntu yibwira ko azi ikintu, ntaba arakimenya gushika ku rugero yategerezwa gushitsako mu kukimenya.


Naho ndi uwo hanyuma y’abera bose, ubwo buntu bw’Imana narabugiriwe, ndaronka iryo teka ryo kubwira Abanyamahanga ubutunzi butagira urugero bafise muri Kristo.


Bakundwa, turi abana b’Imana, ariko uko tuzomera Kristo niyagaruka ntikuramenyekana. Ico tuzi n’uko tuzosa na we, kuko tuzomubona uko ari.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ