6 Urukundo ntirunezerererwa ikibi, ariko runezererwa ukuri.
6 ntirunezererwa ukugabitanya kw’abandi, ariko runezeranwa n’ukuri:
Kandi ayitoye, ndababwira ukuri ko yoyinezerererwa cane naho yari asanganywe izindi mirongo icenda n’icenda zitari zazimiye.
Na bo baranezerwa cane, baca bamwemerera amahera.
Kandi naho bazi ko Imana icira abakora ivyo urubanza rwo gupfa, ntibashishikara kubikora gusa, ahubwo bashima n’abandi babikora.
Urukundo rwanyu ntirube urw’agahemo. Mwanke ibibi, mwumire ku vyiza.
Ariko ntaco bitwaye. Babikora mu kuri canke babikora mu buryarya, igihambaye ni uko Kristo ariko aravugwa. Kandi ivyo ndabinezererewe, mbere nzokomeza kubinezerererwa.
Kandi igihe cose nsenze, nama ndabasengera nuzuye umunezero
Nari maze kubibabwira kenshi, kandi n’ubu ndongeye ndabibasubiriyemwo n’amarira menshi, ko hari benshi bigenza nk’abansi b’umusaraba wa Kristo.
hanyuma kubera yuko banse kwizera ukuri, ariko bakanezerererwa ikibi bazocirirwe urubanza.
Vyaranezereye cane kubona bamwe mu bana bawe bagendera mu kuri, nk’uko Data yadutegetse.