Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 12:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Namwe muri umubiri wa Kristo, kandi umwe wese muri mwebwe ni igihimba c’umubiri cawo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Namwe mur’ umubiri wa Kristo, kand’ umuntu wese wo muri mwebge n’urugingo rwawo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 12:27
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ni ko no mu mubiri wa Kristo bimeze: turi ibihimba vyinshi bigize umubiri umwe, kandi kuri wo, twese tuba dufatanye.


Turabandikiye mwebwe abo mw’ishengero ry’Imana riri i Korinto, mwejejwe muri Kristo Yesu kandi mwahamagariwe kuba abera, hamwe n’abo bose bambaza izina ry’Umwami Yesu Kristo aho bari hose, bakamwambaza nk’Umwami wabo ari we Mwami wacu:


Iyo dusangiye ku mukate umwe tuba tubaye umubiri umwe n’aho turi benshi.


Umubiri ni umwe n’aho ugizwe n’ibihimba vyinshi; kandi n’aho ibihimba vyawo ari vyinshi bigize umubiri umwe. N’umubiri wa Kristo ni uko.


Iyo hagize igihimba kimwe kigwara, ibindi vyose bigwarana na co. Kandi iyo igihimba kimwe cubashwe, ibindi vyose binezeranwa na co.


Mbega ntimuzi ko imibiri yanyu ari ibihimba vy’umubiri wa Kristo? None nubahuke mfate ingingo z’umubiri wa Kristo, ndazifatanye n’umumaraya? Ntibikabe!


Ishengero ni ryo mubiri wa Kristo, kandi Kristo ari muri ryo mu buryo bwuzuye, ari muri vyose kandi hose.


kugira ngo bashobore kwigisha abera na bo bakore igikorwa ciwe, bubake ishengero ari ryo mubiri wa Kristo.


Kuko umugabo ari we mutwe w’umugore nk’uko Kristo na we ari we mutwe w’ishengero ari ryo mubiri wiwe, na we akaba umukiza waryo.


Ni we mutwe w’umubiri, ari ryo shengero; ni we tanguriro kandi ni we mfura mu kuzuka mu bapfuye; kugira ngo muri vyose abe agaheta,


Ubu nezererewe imibabaro ndiko ndacamwo ku bwanyu. Mu mubiri wanje, ndiko ndashitsa ibisigaye ku mibabaro ya Kristo ku bw’umubiri wiwe, ari ryo Shengero.


Ntibagifatanye n’umutwe, ari wo Kristo, umubiri wose wisunga, ufatanijwe n’imitsi n’imisokoro, ugakura uko Imana ibitegetse.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ