Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 12:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Iyo hagize igihimba kimwe kigwara, ibindi vyose bigwarana na co. Kandi iyo igihimba kimwe cubashwe, ibindi vyose binezeranwa na co.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Kand’ urugingo rumwe iyo rubabaye, ingingo zose zirababazanywa na rwo: cank’ iy’ urugingo rumwe ruhawe icubahiro, ingingo zose zihimbaranwa na rwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 12:26
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu aramwishura ati: “Reka tubikore gutyo, kuko bikwiye ko dushitsa ibigororotse.” Yohana aca yemera kumubatiza.


Ijisho ryawe ry’i buryo niryatuma wipfuza, ukagwa mu caha, urikureyo urite kure yawe, kuko vyokubera vyiza kubura igihimba kimwe c’umubiri wawe hako umubiri wawe wose utabwa muri Gehinomu.


Abanezerewe, munezeranwe na bo, abarira murirane na bo.


kugira ngo ntihabe ukwitandukanya kw’umubiri, ahubwo ibihimba vyose vyitaneho ku rugero rungana.


Namwe muri umubiri wa Kristo, kandi umwe wese muri mwebwe ni igihimba c’umubiri cawo.


Mwikoreranire imitwaro, ni ho muzoba mushikije icagezwe ca Kristo.


Mwibuke abari mu mabohero, nk’aho mwoba muri kumwe na bo mw’ibohero. Mwibuke abababazwa nk’aho namwe mwumva ububabare bwabo mu mibiri yanyu.


Mu kurangiza, mwese nimuhuze umutima n’inama, mubabarane, mukundane nk’abavukana. Mugire umutima mwiza kandi umuntu wese yicishe bugufi imbere ya mugenziwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ