20 Nk’uko bimeze rero, hari ibihimba vyinshi ariko umubiri ni umwe.
20 Ariko noneho, ingingo ni nyinshi, umubiri ukaba umwe.
ni ko no mu mubiri wa Kristo bimeze: turi ibihimba vyinshi bigize umubiri umwe, kandi kuri wo, twese tuba dufatanye.
Umubiri ni umwe n’aho ugizwe n’ibihimba vyinshi; kandi n’aho ibihimba vyawo ari vyinshi bigize umubiri umwe. N’umubiri wa Kristo ni uko.
Umubiri ntugizwe n’igihimba kimwe, ugizwe n’ibihimba vyinshi.
Umubiri ntiwoba umubiri mu gihe woba ugizwe n’igihimba kimwe gusa.
Ijisho ntiryobarira ukoboko riti: “Sindagukeneye,” kandi umutwe ntiwobwira ibirenge uti: “Sindabakeneye.”