14 Umubiri ntugizwe n’igihimba kimwe, ugizwe n’ibihimba vyinshi.
14 Umubiri s’urugingo rumwe, ariko ni nyinshi.
Umubiri ni umwe n’aho ugizwe n’ibihimba vyinshi; kandi n’aho ibihimba vyawo ari vyinshi bigize umubiri umwe. N’umubiri wa Kristo ni uko.
Ikirenge kivuze giti: “Ko ntari ukuboko, sindi igihimba c’umubiri,” ivyo ntivyotuma kireka kuba igihimba c’umubiri.
Umubiri ntiwoba umubiri mu gihe woba ugizwe n’igihimba kimwe gusa.
Nk’uko bimeze rero, hari ibihimba vyinshi ariko umubiri ni umwe.
Nuko rero umwe wese muri mwebwe niyiyambure ibinyoma, muvugane ukuri na bagenzi banyu, kuko turi ingingo zigize umubiri umwe.