1 Korinto 12:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe13 Twese twabatijwe na Mpwemu umwe mu mubiri umwe: Abayuda, Abagiriki, abagurano, n’abidegemvya, kandi twese twahawe Mpwemu umwe. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)13 Kuko muri Mpwemu umwe, twese ari ho twabatijwe ngo tube umubiri umwe, naho boba Abayuda cank’ Abagiriki, naho boba abagurano cank’ abidegemvya. Kandi twese twanyweshejwe Mpwemu umwe. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Yakebwe mu nyuma, kandi ukwo gukebwa kwiwe cari ikimenyetso cerekana ko kubera ukwizera kwiwe, Imana yari yaramaze kumwemera nk’uwugororotse imbere yuko akebwa. Gutyo, mu buryo bw’impwemu Aburahamu ni we sekuruza w’abizera bose naho boba batakebwe, kandi Imana irabemera ko bagororotse, kubera ukwizera kwabo.