Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 12:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Izo ngabire zose zitangwa na Mpwemu umwe, bivanye n’uko agomba kuzitanga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 arikw ivyo vyose uwo Mpwemu umwe ni we abikorera muri bo, agabira umuntu wese ukw agomba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 12:11
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Egome Data, kuko uko ari ko washimye kubikora.


Mbega simfise uburenganzira bwo gukoresha amahera yanje ico ngomba? Canke ubabajwe n’uko nagize umutima mwiza ku bandi?’


Yohana arabishura ati: “Nta co muntu ashobora kuronka atagihawe kivuye mw’ijuru ku Mana.


Umuyaga uhuhutira aho ushaka, wewe ukumva uhuhuta gusa, ariko ntushobora kumenya iyo uzanana canke iyo uja. Uko ni ko bimera no ku wuvyawe na Mpwemu.”


Kuko nk’uko Data azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo uwo ashatse kubuha.


Dufise ingabire zitandukanye, bivanye n’ubuntu Imana yatugiriye. Nimba ufise ingabire yo kuvugishwa n’Imana, ubikore ukurikije ukwizera wahawe.


Nuko rero, Imana ihitamwo kwerekana imbabazi zayo ku bo igomba kuzerekanirako, kandi igahitamwo gukomantaza imitima y’abo igomvye.


Ariko noneho Imana yashize ibihimba bitandukanye ku mubiri, kimwekimwe cose aho biyihimbaye kugishira.


Hari ingabire zitandukanye ariko Mpwemu azitanga ni umwe.


Ibikorwa vy’Imana ni vyinshi, ariko iyo Mana nyene ni yo ibikorera muri twebwe twese.


Ariko rero umuntu wese akwiye kubandanya abaho ubuzima Umwami yamuhitiyemwo, no kuguma uko yari ari imbere y’uko Imana imuhamagara. Iri ni ryo tegeko ntanga mu mashengero yose.


Ico nipfuza ni uko abantu bose boba nkanje. Ariko umuntu wese afise ingabire yisangije yahawe n’Imana; umwe agira ingabire kanaka, uwundi akagira iyindi.


Ariko ntitwishima mu birengeye aho tugeza ububasha. Twishimira ivyabereye mu bikorwa Imana yaduhaye, harimwo ivyo dukorera muri mwebwe.


Ikigeretse kuri ivyo, kubera yuko twafatanijwe na Kristo, twararonse umugabane ku Mana, kuko yadutoranirije muri we kuva kera, kandi igatuma vyose bikorwa nk’uko umugambi wayo uri.


Ariko umwe wese muri twebwe yahawe ubuntu nk’uko Kristo yabigenye.


Imana na yo yashigikiye intahe yabo ibicishije mu bimenyetso n’ibitangaza bitandukanye yakoze, hamwe n’ingabire za Mpwemu Yera yatanze uko ibishatse.


Yahisemwo kutuvyaza ijambo ry’ukuri, kugira ngo tube nk’ivyeze ubwa mbere mu vyo yaremye vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ