Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 11:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ariko umugore asenga canke akavugishwa n’Imana adatwikiriye umutwe wiwe aba asuzuguje umutwe wiwe, co kimwe n’iyo yiharanguje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Arik’ umugore wese iy’ asenga cank’ avugishwa n’Imana, adatwikiriye umutwe, aba awuteye isoni: kukw ari bimwe rwose no kumobga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 11:5
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi hariho n’uwavugishwa n’Imana yitwa Hana, mwene Fanuweli, wo mu muryango wa Asheri, yari ashaje cane. Yabanye n’umugabo wiwe imyaka indwi gusa,


‘Uku ni ko Imana ivuze, iti: Mu bihe vya nyuma nzosuka Mpwemu wanje ku bantu bose; abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovugishwa nanje, n’abasore banyu bazobona ivyo beretswe, abatama banyu bazorota inzozi.


Yari afise abakobwa bane batararongogwa, bafise ingabire yo kuvugishwa n’Imana.


Umugabo asenga canke avugishwa n’Imana atwikiriye umutwe aba asuzuguje umutwe wiwe.


Umugore adatwikiriye umutwe wiwe ariko arasenga, akwiye kumobwa. Kandi nimba ari igiterasoni ku mugore kumwa umushatsi canke kwiharanguza, nawutwikire.


Abagore bazogume banumye mw’ishengero. Ntibemerewe kuvuga, ahubwo bicishe bugufi nk’uko ivyagezwe bivuga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ