Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 11:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Kuko igihe cose muzorya uwu mukate mukanywera no kuri iki gikombe, muzoba muriko muramenyekanisha urupfu rwanje gushika aho nzogarukira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Uko murya uwo mutsima kand’ uko munywera kur’ ico gikombe, muba mumenyekanisha urupfu rw’Umwami wacu, kugeza ah’ azozira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 11:26
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ninaheza kubategurira aho kuba, nzogaruka kubatora, kugira ngo mubane nanje aho nzoba ndi.


Yesu aramwishura ati: “Nimba nshaka ko abaho gushika ngarutse, ivyo bigutwaye iki? Wewe nkurikira gusa.”


Ivyo vyatumye haba ibihuha hagati mu bizera ko uwo mwigishwa atazopfa. Ariko Yesu ntiyavuze ngo ntazopfa; yavuze ati: “Nimba nshaka ko abaho gushika ngarutse, ivyo bigutwaye iki?”


Barababaza bati: “Yemwe Bagabo b’i Galilaya, ni kuki muhagaze ngaha muraba mw’ijuru? Uwu Yesu akuwe muri mwebwe akajanwa mw’ijuru, azogaruka uko mubonye agiye.”


Ariko hazoba urukurikirane mu kuzuka: Kristo yarazutse nk’ivyeze ubwa mbere; hanyuma abamukurikiye bose bazozuka niyagaruka.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza igihe co guca imanza kitaragera; nimurindire gushika Umwami Yesu agarutse. Ni we azonyegurura ivyanyegejwe mu mwijima, yongere ashire ahabona ivyiyumviro vyo mu mitima y’abantu. Aho ni ho umuntu wese azohabwa n’Imana ishimwe rimukwiye.


Kuko, Umwami wacu ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru, azotegeka n’ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru n’uguhamagara kw’inzamba y’Imana, maze abapfiriye muri Kristo bazoca bazuka ubwa mbere.


Kuri uwo musi, azoba aje guhimbazwa n’abera biwe, gutazirwa n’abazoba baramwizeye bose. Muri bo namwe murimwo, kuko mwizeye intahe twabashingiye.


ni ko na Kristo na we yatanzwe nk’ikimazi rimwe gusa kugira ngo akureho ivyaha vya benshi. Azogaruka irya kabiri atazanywe n’ivyaha, ariko aje gukiza abamwiteze bose.


Ariko umusi Umwami wacu azogarukirako uzoshika nk’igisuma. Amajuru azozimangana mu kwasana guhambaye cane; ibiri mu kirere bizotongorwa n’umuriro, kandi isi n’ibiri muri yo vyose bizocirwa urubanza.


Bana nkunda, nimugume muri Kristo kugira ngo aho azohishurirwa tuze dushire amanga, ntitwicwe n’isoni imbere yiwe niyagaruka.


Enoki, uwo mu runganwe rugira indwi inyuma ya Adamu, yavugishijwe kuri abo bantu ati: “Raba Uhoraho azananye n’ibihumbi n’ibihumbi vy’abamarayika bera,


“Ehe azananye n’ibicu,” kandi “amaso yose azomubona; n’abamucimise bazomubona,” kandi isi yose “izoboroga ku bwiwe.” Nibibe gutyo, Amen.


Uwushingira intahe ibi aravuga ati: “Egome, ndaza vuba.” Amen. Kaze Mwami Yesu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ